Ingoma z'Úburŭndi

Ingoma ní igicúrarāngīsho gikorȇshwa mubijȃnye n'ȋntȃmbo n'úmuzikí kavukíre kăndi gifisé agacȋro gakoméye cāne murí kăhise k'úburŭndi.

Mu Burŭndi dufise intȃmbo nyĭshi zitāndúkānye kăndi zitēyé igomwe zitāmbwa ná böse abakurú n'ábató. Intȃmbo dusānga zíkomōka mu mihȋngo itāndúkānye y'ígihúgu aríko Ingoma níco gikórēsho gihāmbȃye cāne mugihúgu c'Úburŭndi kăndi ninayó izwí nka mpūzamakūngu uburŭndi bwīsȃngije (icó bītá umurisho w'íngoma).

Ukŭngene ingoma ibonéka:

Ingoma ibāzwa mugití cītwá umuvúgāngoma,umurehe,umuremera,igikuyu,umusave n'umuhumure băretse kigakúra kikaba kiníni cāne hāma bakacȋcira bagahéza bakakibāza.

Ukŭngene ingoma ikogwá (ibāzwá):

Ingoma yabȃzwa mugití cītwá Umuvúgāngoma bakakibāza nk'ȋsékuro aríko bakacīmba(bagatóbora) kugera kure cāne gusumba ukó babāzá isékuro, hānyuma hējuru bagafukīsha urushȃto rw'ȋnká cāne cȃne rw'ibuguma ivyaye nka kabiri canke karenga kukó arírwo rwătuma ikómera bagaca bárwīta Icāhi.

Urwo rushȃto barubohera kūmāmbo bāshīnze kūmbigá (impérāmpéra) hamwé bābāzá, izo māmbo nīzo bītá amabȇre y'íngoma.

Ibihĭmba bigizé ingoma:

Icāhi: icāhi ní urushȃto rw'ȋnká cāne cȃne ishūri babāmbíra(bakaníra) hējuru kurí cȃgití bĭmba kimezé nk'ȋsékuro, icāhi nínacó bavuzá (bakubítakó);

Ubwămi: ubwămi ní hagatí na hágatí kucāhi arí nahó kĕshi umurisho utūmbȇra bárikó bávuza ingoma;

Imbigá: imbigá ni impéra nȋmpera kūngoma aríko kūmpănde zó hējuru, imbigá kūngoma nicókimwé nímbigá zíbĭndi bīntu vyӧse;

Uruhănga: uruhănga ní kuruhănde rwó hēpfó gatôyá y'ímbigá aríko kucāhi nyéne;

Amȃso: ni intóboro z'ȃhó bătoboye icāhi kugírango bakané ingoma;

Indásāgo: indásāgo ní ahāntu harí hāmpănde y'ȃmȃso haboneka umȇnga ni utugozí tubiri;

Urugorí: urugorí ni ahāntu hēpfó y'ȋndásāgo hajīshe nk'úrugorí nyéne;

Umucȋsho: umucȋsho ni ahó icāhi giheréra hajīshé nk'úrugorí;

Incorogo: incorogo ní udutóboro tumezé nk'ȃmȃso aríko turí impéra ahó icāhi giheréra;

Ibȇre: ibȇre ní imāmbo bashīngá impéra bakaboherakó (bagakanirakó) icāhi, ibȇre ninaryó bakūnzé gufáta mugihe baríko baratérura ingoma cānké igihe bayiterúza amȇnyo bárikó baratȃmba umurisho w'íngoma;

Imoko: imoko ní kugasúnwa(kumutwé) w'ȋbȇre ry'íngoma, imoko y'íngoma ní nk'ímoko nyéne y'ȋbȇre ry'úmūntu;

Inda: inda ní hagatí na hágatí kūngoma upȋmye kuva epfó (kumano) kugeza rugúru(k'uruhănga);

Umukŏndo: umukŏndo ní hēpfó gatôyá ugômba ushiké kumubábo w'íngoma, nkûkó bisānzwé bímeze k'umūntu umukŏndo uri kūnda y'íngoma.

Umubábo: umubábo ní umurōngo bacá hēpfó y'úmukŏndo w'íngoma, umubábo wōgereranywa nka bwȃ budéde bwó mūnda abākȇra bămbara mūnda;

Integé: ni mūsí y'úmubábo ahó babá bȃgabanije bakamera nk'úwusôngora kugírango ingoma ihagárarire ahāntu hatôyá;

Inyamayakíbizí: inyamayakíbizí iri mūsí y'íntegé hēpfó gatôyá;

Ino: ino ní hāsí ahó ingoma ihagárarira.

akarānga hamwé na kăhise k'íngoma z'úburŭndi:

Akarānga k’ígihúgu c’Uburŭndi gashīngiye ku bīntu vyĭnshi kăndi bitumá igihúgu kígira akarānga kagităndukānya n’íbĭndi bihúgu. Murí ivyo harimwó Ingoma. Ingoma ifise insígūro níni murí kăhise kuva kū ntwȃro yá cămi kugeza n'ŭnomŭsi.

Kuva kěra narīndi ingoma yarí Ifíse ikibănza gikoméye mu buzima bw’Ábarŭndi. Ingoma ivúze aho hāmbere hahisé yabá ifíse icó isigûye nȃho ubu ataríko bikimezé, kukó murí kíno gihe zivuzwá ahárihó höse.Mu bisȃnzwe ziri imicé itatu, zigatāndukāna bívānye n’úbuníni bwȃzo, n’ákamaro kȃzo mu gihe baríko bázivuza.

Harihó ingoma irongôra izĭndi bītá Inkĭranya, hakaba na zírya ngoma níni bītá ibishíkizo, n'íngoma ntôntó bītá amashāko. Izo ngoma rēró zibāzwa cāne cȃne mu gitī citwá Umuvúgāngoma, n´íkĭndi cītwá umusȃvé.

Kěra ivyo bití bikórwamwó ingoma wasȃnga arí ibití vy’íngānzamarūmbo, cānké bigeréranye. Ivyo vyăvāna n’íngoma bakenéye iyó arí yo. Bărahéza bakabíca mu mashāmba yó mū ntȃra zā kirimiro, eka nó mu bibira nk'Îtêza mu Kayānza n'áhăndi. Kubêra ivyo bití vyăcībwa n’abáke kubêra ingoma zităvuzwa na bênshi, ivyo bití vyărarônka umwănya wó gukúra nêzá bikaba biníni kuburyó buhāgíje bikabona kuvamwó ingoma nzīzá, níni cānké igeréranye bívānye n'íngano y'íngoma bashāká gukana.

Murí kíno gihe ivyo bití bisa níbiríko birahóna. Amashāmba y’í Burŭndi nayó ubu arakīngiwe, kurōnka igití c’úmuvúgāngoma ntivyōróshe, iyó kibonétse kigurwa amaherá atarí maké.

Ukó ingoma ifatwá murí kíno gihe:

Murí kíno gihe ingoma iracȃfíse agacîro aríko sí cāne nka kêra. Ndetsé ahó kibēréye igicúrarāngīsho kāmá uburŭndi bwīhárije hăcīye háboneka n'îtégeko rizigěnga ndetsé ryăranashízwekó umukóno.

Kuva kw’īgenekerezo ryā 20 gushika kuryā 26 Munyōnyó 2016 ubushikirangānji bw’úrwāruka, inkino n’ímicó kāmá búhagarikiwe n’úmukurú w’ígih úgu bwăratȗngānije indwi yaháriwe ingoma z’Úburundi.

Kw'īgenekerezo ryā 25 Gitugútu 2017, Umukurú w’ígihúgu Pētéro NKURÚNZĪZÁ yashíze umukóno kw’ītégeko ribuzá abāntu b’ígitsína goré kuvúza ingoma, barekurirwa gusa gutȃmba intȃmbo z’íkirǔndi z’ábĭgeme ziherékeza umudīho w'íngoma.

Igitúma abĭgeme batarekúriwe kuvúza ingoma:

Mumicó n'ímigēnzo y'íkirŭndi abĭgeme ntíbarekúriwe kuvúza ingoma kukó umwāmbaro w'ábatīmbo(abavúza ingoma) usa núwěrekana ibihĭmba bimwé ná bímwe vy'úmubiri nkó mugikiríza ivyo bikaba arí ikizíra kubĭgeme, kăndi umwāmbaro w'ábatīmbo hari nȃhó ushobóra gukényuruka iyó baríko barȃtamba ivyo rēró bíbāye k'umwĭgeme kōba arí akamăramāza imbere yábāntu ikĭndi nacó kubȇrakó ingoma ifisé ibihĭmba vyītíranwa n'úmwĭgeme nkȗkó vyāndítse harugu murȋco gihe vyōba arí akamăramāza mugihe umwĭgeme yōvuzá ingoma kúko kwōba arí nk'úkwĭvuza.


ingoma
ingoma z Uburundi