Ikirundi ni ururimi ruvugwa n'abantu barenga imiriyoni icenda. Be n'igifaransa, ikirundi ni ururimi rwemewe n'amategeko kandi rukoreshwa mu gihugu c'Uburundi. Ururimi rw'ikirundi turusanga ruvugwa mumpande zose z'igihugu c'uburundi. Ikirundi gishaka gusa n’ikinyarwanda (mumvugo no munyandiko), ururimi rw’Abanyarwanda, kigashaka gusa kandi n’igiha be n'igihangaza, indimi zivugwa muri Tanzaniya cane cane kumbibe ivyo bihugu bihana. Ikirundi nirwo rurimi kama ruvugwa mu Burundi, rukavugwa mumpande zose z'igihugu c'Uburundi.

Batwa women in Burundi
Flag of Burundi

Ikirundi ni ururimi ruri mu ndimi zo muri afrika bantu. Rwubatswe n'amajambo kama be n'amajambo yatiwe muzindi ndimi zibanyi nk'igiswahiri be no mu ndimi z'abakoroni (igifaransa n'ikidagi) rukagengwa n'amategeko y'indimburo. Inyandiko y'ikirundi ikoresha indome ndatini, ni ukuvuga indome z'ikiratini. Cokimwe n'izindi ndimi, kumenya kuvuga ikirundi, kucandika, kugitahura be n'indimburo vy'ikirundi bisaba kuvyiga.

FLII Burundi

Inyandiko y’Ikirundi: Ingorane nkurunkuru hinyanyura inyandiko

Inama nkarishabwenge igira gatatu y'abigisha ikirundi mu mashure yisumbuye yabereye i Bujumbura kuva ku wa 29 Myandagaro gushika ku wa 2 Nyakanga 1983, yari yatumiye n’abigisha ikirundi muri Kaminuza y’Uburundi hamwe n’abashingwakirundi bo mu biro vy’Indero Kavukire (B.E.R.). Iyo nama yarihweje ingorane nkurunkuru zerekeye inyandiko y’ikirundi, yongera iratorera umuti izitari nke. Ngizi ingingo zapfunditswe n’iyo nama nkarishabwenge:

  1. AMAJWI AVUGA
    a, e, i, o, u.
  2. AMAJWI Y’INDAGI
    b, c, d, f, pf, g, h, j, k, m, n, ny, , ng, p, r, s, sh, t, ts, v, w, y, z.
  3. INGORANE ZIFATIYE KU KWITIRANYA AMAJWI Y’INDAGI
  4. INGORANE UTURORERO IRYAPFUNDITSWE INSIGURO CANKE IMVO
    1. l/r A. umuliro/umuriro
    lero/rero
    A. umuriro
    rero
    Mu kirundi iryo jwi ryegereye r gusumba l
    B. Polo/Poro
    Repubulika/Repuburika
    Amadolari/Amadorari
    B. Poro
    Repuburika
    Amadorari
    B. Amajambo matirano afatwa nk’ay’ikirundi, kuko aheza akigana inyubako n’imvugo y’ururimi rutira. Ni hamwe n’uburyo amajwi aheza agakurikirana.


    Uturorero:

    • Umukirisu: ntibavuga umukristu.
    • Ikawa yitwa robisita: ntibavuga robista.
    • Intara ya Afirika: ntibavuga Afrika.
    2. s/sh
    1. urusato/urushato
      amasaka/amashaka
      isaka/ishaka
      igisaka/igishaka
    2. igishakashaka/igisakasaka
    1. urusato
      amasaka/amashaka
      isaka/ashaka
      igisaka
    2. igishakashaka
    Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi.
    3. s/ns
    1. umusi/umunsi
      imisi/iminsi
    2. isomerwa/insomerwa
    1. umusi
      imisi
    2. isomerwa
    Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi
    4. f/pf
    1. umupfakazi/umufakazi
      gupfupfahaza/gufufahaza
      umupfumu/umufumu
      kwipfuza/kwipfuza
    2. umupfa/umufa
      ipfu/ifu
      gupfutera/gufutera
    1. umupfakazi
      gupfupfahaza
      umupfumu
      kwipfuza
    2. umufa
      ifu
      gufutera
    Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi.
    Kumenyesha urwaruka ikirudi c’itsitso.
    5. rw/gw
    1. kurwara/kugwara
      indwara/ingwara
      kurwana/kugwana
      indwano/ingwano
      urwarwa/ugwagwa
      urwiri/ugwiri
    2. kurwa/kugwa
      kurwabira/kugwabira
      umurwi/umugwi
    1. kurwana
      indwara
      kurwana
      indwano
      urwarwa
      urwiri
    2. kugwa
      kugwabira
      umugwi
    Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi
    6. bw/bg kubwira/kubgira
    imbwa/imbga
    kubwira
    imbwa
    Mu vy’ukuri si bw kandi si bg. Ariko abanditsi benshi bamenyereye bw.
    7. rty/ty irtyazo/ityazo
    gurtyo/gutyo
    ndtya/ntya
    ityazo
    gutyo
    ntya
    Mu mvugo bamwe bakoresha rty, ndty, abandi ty, nty. Ariko ibigereranye ni ty, nty.
    8. k/kw
    1. kwurira/kurira
      kwongera/kongera
      kwubaka/kubaka
    2. noheza nkurira/noheza nkwurira
      nkongera/nkwongera
      nkubaka/nkwubaka
      nkicara/nkwicara
    3. nka kurya kw’urubeya/k’urubeya
    4. akana k’ubwenge/kw’ubwenge
    1. kwurira
      kwongera
      kwubaka
    2. nkurira
      nkongera
      nkubaka
      nkicara
    3. kw’urubeya
    4. akana k’ubwenge
    1. Itsitso ni -urir-, onger-, ubak-. ku- na yo ni inyitangizo y’umuvugire wa kigenze. Ijwi u ryo kuri ku- ricika incamwanya w kuko rikurikiwe n’irindi jwi rivuga mw’ijambo rimwe.
    2. Ibihimba ni:
      /n-ka-urir-a/
      /n-ka-onger-a/
      /n-ka-ubak-a/
      /n-ka-icar-a/
      Mw’ijambo ijwi a rikurikiwe n’ayandi avuga atangura itsitso bararisimba:
      /n-k(a)-urir-a/
      /n-k(a)-onger-a/
      /n-k(a)-ubak-a/
      /n-k(a)-icar-a/
      Muramenye: amajwi a na i arakunda kurondana akavyara e. Uturorero:
      amenyo = /a-ma-inyo/
      benshi = /ba-inshi/ .
    3. kwa = /ku-a/ kwa ni indongorazina, mugabo mu majambo abiri amajwi avuga akurikiranye, irya mbere bararisimba.
    4. ka = insanisha.
    9. ny/nny yaganye inzoga/
    yagannye inzoga
    twarakanye ingoma/
    twarakannye ingoma
    umuryango warahonye/
    umuryango warahonnye
    yaganye

    twarakanye

    warahonye
    Urwaruka rusigaye ruvuga ny.
    10. k/g
    1. ikiti/igiti
      ikikere/igikere
      nya gikoko kica
      kipfira hano/
      nya gikoko gica
      gipfira hano.
    2. igikere na co kiti/
      igikere na co giti
    3. igitabu kitubwira/
      gitubwira
    1. igiti
      igikere
      nya gikoko gica
      gipfira hano.
    2. kiti
    3. kitubwira
    1. Amajwi agumye
      y'inyitangizo
      arahinduka akoroha
      iyo itsitso
      ry'ijambo
      ritangurwa
      n'irigumye
    2. Kwandika ukurikije
      imvugo y'Abarundi
    3. kitubwira =
      /ki-tu-bwir-a/
      ki- = iny.
      -tu- = ind.
      -bwir- = its.
      -a = agas.
      Inyitangizo
      n'itsitso
      ntibikurikirana.
    11. n/ny iryungane/iryunganye iryungane ni ryo rimenyerewe
    12. n/nm nmaze/maze
    yanmenye/yamenye
    maze
    yamenye
    Ni yo nyandiko ibangukiye abantu batari abahinga.
  5. INGORANE ZIFATIYE K’UGUTANDUKANYA AMAJAMBO MU RYUNGANE
  6. UTURORERO TW'INGORANE IRYAPFUNDITSWE INSIGURO CANKE IMVO
    1. Ivyo ari vyo vyose/
    Ivy'ari vyo vyose
    Ivyo ari vyo vyose Mu ryungane amajambo yose arandikwa.

    Muramenye: iyo ako kajambo ivyo ari ins. nsanisha, ijwi o risubirirwa n'agakwabu ko hejuru imbere y'ijwi rivuga.

    Uturorero:
    Ivy 'aha vyama mu nzira.
    Ivy 'abakuru birubahwa.

    No ku zindi nsigarirazina nsanisha ni hamwe:
    Ak 'imuhana kaza imvura ihise.
    Iz 'umutware ziratashe.
    Ab 'ino ni ko bameze.

    2. Yohani yari iguye/
    Yohani yari aguye
    Yohani yari aguye Umugwi wa mbere w'amazina ufise inyitangizo rukozi a-. Abavuga yari iguye barahuba kuko basimba ijwi rya kabiri aho gusimba irya mbere.
    3.
    1. Yohani na Petero bajanye/vyajanye
    2. Yohani na ya nyabu bajanye/vyajanye
    3. Yohani na ya ntebe baguye/vyaguye
    1. bajanye
    2. vyajanye
    3. vyajanye
    Inyitangizo rukozi y’umugwi wa kabiri w’amazina ni ba-, igihe ata gikoko canke ikintu kirimwo. Muri ico gihe ica iba bi-.
    4.
    1. Amazina y'urunani y'urusangi
      1. Amazina y'ubucuti
      2. Izina ry'urunani rigizwe n'amazina abiri
      3. Amazina abiri afatanijwe n'insanisha
      4. Amazina agizwe n'amavuga abiri
      5. Amazina y'urunani agizwe n'ayandi majambo adasangiye ubwoko
      6. Amazina yunzwe n'agace nya canke ene
    2. Amazina y'urunani y'uruharo
      1. Amazina arimwo insanisha
      2. Amazina atarimwo insanisha
      3. Izina riherekejwe n'utundi tujambo turirangura
      1. serugo, inarugo, sokuru, nyokuru, marume, sowanyu, mwenewanyu, datawacu, karumunake, ...
      2. inka – muntu
        umwana - mugabo
      3. inka y'irembo
        inkono y'itabi
      4. somambike
        igisoromandandura
      5. ikibonamaso
        amayirabiri
      6. umunyabwoba
        Umwenengwe
        akenese
      1. Maguru ya nyarwari
        Rukundo rwa Ntare
      2. Rutegeramisi
        Kibikizozejo
        Ndayamutaye
      3. Rufuku rwafukuye
        Uburundi

        Kivumu kitari
        ikivumuvumu
      1. Amazina y'ubucuti yandikwa mw'ijambo rimwe
      2. ayo mazina atandukanywa n'agakwego
      3. Ayo mazina yandikwa mu majambo atatu
      4. Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
      5. Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
      6. Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
      1. Ayo mazina yandikwa mu majambo atatu
      2. Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
      3. Iryo zina riraheza rikandikwa ukwaryo, ayandi majambo na yo akandikwa ibisanzwe.
    5.
    1. nyene
      1. Nyene + izina
      2. Nyene + irivuga
        nyene + ins.
    2. nyene
      1. mwene + izina ry'urusangi
      2. mwene + izina ry'uruharo
      1. nyenigihugu
        nyeningoma
        nyenurugo
        nyeninzu
        nyenicubahiro
      2. nyene kurima
        nyene vyo
        nyene ho
      1. mwene senge
        mwene nyinabo
      2. mwene Nteturuye
      1. Vyandikwa mw'ijambo rimwe.
      2. Vyandikwa mu majambo abiri.
      1. Vyandikwa mu majambo abiri.
    6. amazi yo gukaraba/
    Amazi y'ugukaraba

    Umwete wo kwiga/
    Umwete w'ukwiga
    Vyose birashoboka.
    Mw'isomerwa umunyeshure
    azokwandika ico yumvise.
    Abarundi babivuga vyose.
    7.
    1. Mu kubikora/
      mukubikora

      Mu kunebwa/
      mukunebwa
    2. Yuriye ku nzu/
      kunzu

      Yinjiye mu nzu/
      munzu
    3. Ku shami/kw'ishami
      ku nzu/kw'inzu
    1. mu kubikora

      mu kunebwa
    2. Yuriye
      ku nzu

      Yinjiye
      mu nzu
    3. kw'ishami
      ku nzu
      1. ku na mu ni utujambo twisangije ubwoko, tudakwiye gufatana n'ijambo turongoye.
    8. mu ko/muko
    ndabikora ubanza
    kumpera
    mu ko Iyi sahwanya igizwe na zibiri mu + ko .
    Ni hamwe na:
    mu kubikora ,
    ko ndabikora .
    9.
    1. I muhira/imuhira
      I ruhande/iruhande
      I mbere/imbere
      Inyuma/inyuma
    2. I Bujumbura/Ibujumbura
    3. Ha ruguru/haruguru
      Ha mbavu/hambavu
      Ha mbere/hambere
      Ha nyuma/hanyuma
    4. Iwanje/iwa nje
      Ukwiwe/Ukw'iwe
    5. ha + irivuga
    1. I muhira
      Iruhande
      Imbere
      Inyuma
    2. I Bujumbura
    3. haruguru
      hambavu
      hambere
      hanyuma
    4. iwanje
      ukwiwe
    5. ha gupfa
      wozanzama

      ha kurya wonywa
    Indongorazina i , na ha
    zirongoye izina, vyandikwa
    mw'ijambo rimwe, kiretse
    iyo zirongoye izina
    ry'uruharo, no mw'ijambo
    i muhira . Muri iryo jambo
    hari aho batanavuga iyo
    ndongorazina. Ahandi hose
    izo ndongorazina zihindura
    amazina mu ntumbuzi

    D. Indongorazina iri muri satunga birafatana.

    E. ha = hako.
    Ni sahwanya.
    10.
    1. Aho haragutse
      nayo/na yo hano haraga
    2. Naho/na ho
      niwagaruka
    3. Nako/na ko
      umengo araje
    4. Noneho/none ho
      araje
    1. nayo
    2. naho
    3. nako
    4. noneho
    Ayo majambo yose ni za sahwanya. Uduce ho , ko , yo , nta co dusigura.
    11.
    1. N'aho/naho
      wogaruka sinoguha
    2. N'iyo/niyo woza
      sinokubona
    1. n'aho
    2. n'iyo
    Ngaha sahwanya zigizwe na zindi zibiri:
    n'aho = na + aho ,
    n'iyo = na + iyo .
    12. Uwu mwaka na ho/naho
    nyene tuzokwimbura
    na ho na = sahwanya
    ho = ins. muv. ngufi.
    13. Imisi y'indwi ku wa mbere
    uwa mbere
    uwa nyuma
    Akajambo kerekana igiharuro
    mbere kaja ukwako, akerekana
    umurongo wa , uwa gutyo
    , indongorazina ku gutyo nyene.
    14. Ins. muv. ngufi +
    uduce ho , ye , e , he .
    Jeho, tweho, weho,
    yemwe, yewe, ewe,
    emwe, hemwe, hewe
    Utwo duce nta bwoko twisangije,
    twunga ins. muv.
    15. Ins. muv. ngufi + nyene
    1. jenyene =
      nta we turi kumwe
    2. je nyene =
      jewe nyene
    3. bonyene =
      nta we bari kumwe
    4. bo nyene =
      bobo nyene
    Ins. muv. ngufi zirongora agace nyene birafatana,
    kiretse zikoreshejwe mu kibanza c'ins. muvugwa ndende.
    16.
    1. ngo ego/ngw'ego
      ngo uyu muntu/
      ngw'uyu muntu aze
    2. kugira ngo aze/
      kugira ngw'aze
    3. uko aje/ukw'aje
    4. ko ushitse/
      kw'ushitse
    1. ngo ego
      ngo uyu muntu aze
    2. kugira ngo aze
    3. uko aje
    4. ko ushitse
    Ijwi o rihereza sahwanya zimwezimwe ngo, kugira ngo, ko, uko, yuko rikurikiwe n'ijwi rivuga ritangura irindi jambo, n'aho ritavugwa rirandikwa.
    17.
    1. Ni umuntu/n'umuntu
      Si umuntu/s'umuntu
    2. Abenshi ni ko bavuga/
      Abenshi niko bavuga

      Abenshi si ko bavuga/
      Abenshi siko bavuga

      Ego ni ko/ego niko

      Oya si ko/oya siko
    3. Avuga ko/avugako

    4. Bakame rero ni ko/
      niko kwibaza ruti

    5. Ni uko/nuko batevye mba ngiye

    6. Nuko/ni uko
      mukunzi muhire

      Ni uko/nuko rero
      Bakame rukagenda

      Ego ni uko/nuko
      Oya si uko/suko

    7. Ivyo ni vyo/nivyo
      mvuga

      Ivyo si vyo/sivyo
      mvuga

      Iyo ni yo/niyo
      mvo

      Iyo si yo/siyo
      mvo
    1. Ni umuntu
      Si umuntu
    2. Abenshi ni ko
      bavuga

      Abenshi si ko
      bavuga

      ego ni ko
      oya si ko
    3. avuga ko
    4. ni ko
    5. Ni uko batevye
    6. ni uko mukunzi
      muhire

      ni uko rero
      Bakame rukagenda

      Ego ni uko
      Oya si uko
    7. Ivyo ni vyo
      mvuga

      Ivyo si vyo
      mvuga
    8. Iyo ni yo mvo

    Inshozi ni na si ni utujambo turi
    ukwatwo, kamwe kakaba inyemezi
    akandi impakanyi.

    Utwo tujambo dutegerezwa kuguma ukwatwo kuko dushobora gusubirira amavuga mu mungane atagira amavuga.

    Intumbuzi y'ukwemera ko ikurikiye irivuga canke inshozi biratandukana.
    18. Ni mwinjire/
    nimwinjire

    Nti mwinjire/
    ntimwinjire

    Si ndabishaka/
    sindabishaka
    Nimwinjire

    ntimwinjire

    sindabishaka
    Igihe utujambo ni na si ari
    imenyetso nyemezi canke mpakanyi
    z'irivuga, duca dufatana n'iryo rivuga.
    19. Ng'uyu/nguyu
    ng'abariya/ngabariya
    Ng'uyu
    ng'abariya
    Inshozi ng iguma ukwayo kuko n'aho
    yama ifatanye n'ins. rugena, yisangije ubwoko.
    20. Ata cigeze/atacigeze
    Nta cigeze/ntacigeze
    Nta wurya/ntawurya
    akatamugoye
    ata cigeze
    nta cigeze
    nta wurya
    akatamugoye
    Utugetugetu tw'uguhakana nta na ata tuja
    ukwatwo kuko ari amajambo yisangije ubwoko
    21. Kugira ngo/kugirango Kugira ngo Iyo sahwanya igizwe na zindi zibiri:
    kugira na ngo .
    22.
    1. Nkûkó/nk'ûkó

    2. Nkǔko/nk'ǔko
    1. nk'ûkó
    2. nk'ǔko
    1. Iyi sahwanya igizwe na zindi zibiri:
      nka na uko .
    2. Aya majambo ni abiri, rimwe ni sahwanya,
      irindi ni ins. rugena yubakiwe ku ndongorazina.
    23. Avuze yuko/y'uko
    ataza
    yuko Sahwanya ni yuko kuko y ntiyoba insanisha.
    24. Ins. rugena + ri Uwo ari
    we wese

    Ico ari
    co cose
    Ijwi o rihereza ins. rugena irongoye irivuga
    -ri rirandikwa.
    25. Nzoza ejo/
    Nzozejo
    Nzoza ejo Irivuga ritegerezwa kwirebanga.
    26.
    1. Ejo bundi/ejobundi

    2. Hirya y'ejo/hiryayejo
    1. ejobundi

    2. hirya y'ejo
    1. Iyo ntumbuzi yandikwa mw'ijambo rimwe

    2. Iyo ntumbuzi igizwe n'amajambo abiri
      afatanijwe n'insanisha.
    27. Igitabu
    ciwanje/c'iwanje
    1. ciwanje =
      canje
    2. c'îwânjé = c'i muhira
    Bivana n'ico bashaka kuvuga:
    canje = /ki-a-nje/
    ciwanje = /i-a-iwa-nje/
    c'îwânjé = /ki-a-i-iwa-nje/
    28. Na , nka + Ins. Muv. ngufi nanje, nkanje,
    na je, nka je,
    na bo, nka bo,
    na vyo, nka vyo,
    na co, nka co
    Insigarirazina muvugwa ngufizikurikiye
    sahwanya na na nka biratandukana, kiretse
    kuri nanje na nkanje kubera ko iyo nje itabaho yonyene.
    29. Irivuga +
    + sahwanya ko
    Sinzi ko nzoza
    ejo.

    bavuga ko babizi
    Iyi sahwanya ko bayandika ukwayo,
    ishobora gusubirira yuko .
    30. Na ko/nako
    nkako/nka ko
    nako
    nkako
    Vyandikwa mw'ijambo rimwe kuko ko nta
    bwoko kisangije.
    Nako umengo araje.
    Kukaba nkako
    31.
    1. Irivuga + intumbuzi y'ikibanza
      ko , ho , yo , mwo .

    2. Irivuga + ins. muv. ngufi
      ko , ho , yo .
    1. shirako,
      shirayo,
      shiramwo,
      shiraho,

      hariyo,
      hariho,
      harimwo,
      hariko,

      mfisemwo,
      mfiseho,
      mfiseko,
      mfiseyo.

    2. Bihereze Imana
      Bihereze yo .

      Shira ka kayabu
      kandi urabe yuko
      wahaye ko .

      Ubwo badodoye ho  ?
    1. Izi ntumbuzi uko ari zine: ko, ho, yo, mwo
      zikurikiye irivuga zitegerezwa gufatana na ryo.

    2. Igihe utujambo ko, ho, yo, ari
      ins. muv. ngufi, twandikwa ukwatwo.
    32. Irivuga mperekeze
    ri + ko
    Uriko urarima
    twariko turiga
    Irivuga ri iyo ari mperekeze, rirafatana n'agace ko .
    33. Amajambo yisubiriza canecane
    bukebuke
    buhorobuhoro
    Ayo majambo yandikwa mw'ijambo rimwe.
  7. UTUMENYETSO TWO KURUHUKA
  8. Twagumije utwari tuhasanzwe kuva na kera:
    INOMERO IZINA INYANDIKO
    1. akaburungu .
    2. agakwabu ,
    3. utuburungu tubiri duhagaze :
    4. kaburungu kuri gakwabu ;
    5. twa mugina « » canke " "
    6. kabaza ?
    7. gatangazi !
    8. agakwego -
    9. utuzitizo ()
    10. ngezaho ...

    Muramenye:

    Agakwabu ko hejuru (apostrophe) ni ako gutandukanya amajambo abiri igihe irya mbere ari akagetugetu.
    Uturorero: inkono y'itabi, ibikoko vyo mw'ishamba, amazi yo kw'iteke
    Nta gakwego rero kazosubira gukoreshwa mu gutandukanya bene ayo majambo.

  9. IKORESHWA RY'URUDOME RUKURU
    1. Urudome rukuru rukoreshwa mu gutangura iryungane, inyuma y'akaburungu, ya kabaza na gatangazi no hagati ya twa mugina.
    2. Rukoreshwa kandi mu gutangura izina ry'uruharo.
    3. Ingorane zimwezimwe:
      1. Ukwigisha ikirundi, igifaransa, icongereza.
        Amazina y'indimi tuyafata nk'amazina y'urusangi, ni co gituma atangurwa n'urudome rutoyi.
      2. Abarundi, Abanyarwanda, Ababirigi, Abanyamerika.
        Izina ry'abanyagihugu rifatwa nk'iry'uruharo igihe bafatiye hamwe bose ata kubaharura.
        Uturorero: Abarundi benshi barize, Ababirigi bamwebamwe bavuga igifaransa.
      3. Twari kumwe n'umurundi umwe, abanyarwanda babiri hamwe n'abanyamerika icumi na bane.
        Ngaha harimwo uguharura, ni co gituma izina ry'abanyagihugu rica rifatwa nk'iry'urusangi.
      4. Igihugu c'Uburundi, ca Kongo. Intara ya Afirika, y'Uburaya.
        Amazina y'ibihugu n'ay'intara ni amazina y'uruharo.
      5. Abanyakarama, Abatare, Abavubikiro.
        Amazina y'umuryango afatwa nk'ay'uruharo.
        Uturorero: Abavubikiro nka bose barahonye, Abanyakarama benshi bari abatware.
      6. Twajanye n'umunyakarama umwe, abatare babiri n'abavubikiro icumi na bane.
        Ayo mazina aca afatwa nk'ay'urusangi kuko harimwo uguharura.
      7. Muramenye ko muri Afirika y'epfo hari amacakubiri y'abera n'abirabure.
        Amazina yerekana ubwoko bw'abantu afatiye ku rukoba afatwa nk'ay'urusangi.
  10. UTWATUZO
  11. Turavye ibitabu vy'ikirundi biri mu mashure yisumbuye, dusanga ibikurubikuru ari ivya Patiri NTAHOKAJA. Mu mashure menshi bakoresha utwatuzo turi muri ivyo bitabu. Na two ni utu:
    1. agakwego hejuru y'amajwi arandira: sēsa, shīma, rāmba.
    2. akarasago ku majwi ameze nk'ayaduga bwampi: ishámi, umutwé.
    3. agatemere kubitse ku majwi ahinze amanuka: umuvyêyi, ibêre, irêmbo, umubânyi.
    4. agatemere kagaramye ku majwi ahinze aduga: icěse, umutǔmba, umwǎmi, umwǎnya.
    5. utuburungu tubiri turambitse ku majwi aduga y'urunani: böse, twëse.

    Utwo twatuzo n'ubu ni two bazoba barakoresha, ariko dutegetswe mu nyigisho y'indimburo y'ikirundi gusa.

Ibihĭmba vy'îmvúgo hinyanyura inyandiko

Amajāmbo ahīndúka hinyanyura inyandiko

Irivúga hinyanyura inyandiko

Irivúga ni ijāmbo ryērékana kamére, umugămbi cânké igikórwa.

Ingéreká hinyanyura inyandiko

Ingéreká ní ijāmbo bageréka kw’īzína ngo ririrăngūre, máze ayo majāmbo abiri agasāngira inyîtāngizo. Ingéreká ziri ubwôko buné:

1.Ingéreká ndôndōzi irāngūra izína igerétswekó mu kwěrekana akarānga kâryo. akarorero:inkoni ndende.ndende ni ingereka ndondozi . 2.Ingéreká kabazá irāngūra izína igerétswekó mu kurirōnderera insígūro itōmôye bícīye mu kubáza. Akarorero: Amavuta maki?.maki ingereka kabaza. 3.Ingéreká ntāntígiri irāngūra izína igerétswekó mu kwěrekana ukó ibīntu bīngána aríko itádomyé urutoke ku gitígiri.Akarorero:Yazanye amavuta menshi.menshi ni ingereka ntantigiri. 4.Ingéreká rutānyá irāngūra izína igerétswekó mu kuvângūra icó iryo zína ryērékana n’íbïndi.

Ra. Ne.: 1.Ingéreká ikuríkiye inshōzi, irivúga, insígarirazína cânké akăndi kajāmbo kadahīndúka, iguma arí ingéreká igihe bibonéka yûkó igerétswe kw’īzína. Akarorero: Uyu mugabo ni munini(munini ni ingereka) 2.Ingéreká irashóbora kuvámwó ingereka-nsígarirazína, ingéreká-zína canké irivúga mvângéreká

Insígarirazína-ngéreká n'însígarirazína hinyanyura inyandiko

Insígarirazína-ngéreká ní ijāmbo bageréka kw’īzína ngo ririrăngūre, aríko ayo majāmbo abiri ntăsāngire inyîntāngizo. Iyó insígarirazína-ngéreká isigáriye izína igerétswekó ica icîka insígarirazína.

1.Insígarirazína muvugwá: ni ijāmbo risigárira uwuvúga, uwubárirwa, cânké ikivúgwa.
a.Izĭrebānga: zishobora kubá iz’ímivúgwa cânké izisígarira amazína, ndēnde cânké ngúfi.
b.Izifátanye n’írivúga: zishobora kubá iz’ímivúgwa cânké izisígarira amazína.
Ra. Ne.: Ntā nsígarirazína-ngéreká muvugwá ibáhó.
2.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína rugená: ni ijāmbo rigenékereza izína rigerétswekó.
3.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína nsānîsha: ni ijāmbo ryērékana isâno rirí hagáti y’íbīntu bibiri, icó rigerétswekó hamwé n’íkïndi.
4.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína satūngá: ni ijāmbo ryērékana nyené ibīntu n’îsâno afitániye n’íbīntu vyîwé.
5.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína gaharûra: ni ijāmbo ryērékana ukó ibīntu bīngána ríbicīshije ku gitígiri cânké ku guhárūra.
6.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína gaharûra gatōndēsha murōngo: ní ijāmbo ryērékana ikibănza ikīntu giheréreyemwó mu rutŏnde rufatíye ku guhárūra.
7.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína kabazá: ni ijāmbo ryērékana ibīntu ivyó arí vyó, ahó bibarízwa canké ukó bīngána ríbicíshije mu kubáza.
8.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína ntatānyá: mu rudênde, ni ijāmbo ryerékana ikīntu kitagabánije cânké kirí mu murōngo w’íbïndi; mu bwĭnshi, ni ijāmbo rikorániriza mu mugwi umwé ibīntu rirāngûra.
9.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína rutānyá: ni ijāmbo rifatira ibīntu bimwé ukwāvyó ibĭndi ukwāvyó.

Amajāmbo adahīnduka hinyanyura inyandiko

Inshōzi hinyanyura inyandiko

Inshōzi ní ijāmbo rimezé nk’írivúga aríko ridashobóra guhâdikirizwa.

Indôngōrazína hinyanyura inyandiko

Indôngōrazína ní ijāmbo ryāmá rírōngōye izína kăndi rikērekana ikibănza.

Sahwānyá hinyanyura inyandiko

Sahwānyá ní ijāmbo rihwānyá amajāmbo asāngíye ubwôko cânké ingīngo zibiri mu ryŭngāne. Ziri ubwôko butatu:
1.Sahwānyá isāngânya: ihwānyá amajāmbo cânké ingīngo zisāngíye ubwôko cânké zifitániye isâno ryā kárāngûra.
2.Sahwānyá ihitîshamwó: yērekana yûkó bahitámwó ikīntu kimwé murí bibiri.
3.Sahwānyá y’ámadĭdāne: yērekana yûkó bakēkéreza, atā nyíshu itōmôye bashobóra gutânga.

Intūmbūzi hinyanyura inyandiko

Intūmbūzi ní ijāmbo ritūmbûra icîyumvīro c’írivúga, c’îngéreká, c’însígarirazína cânké c’íyïndi ntūmbūzi. Ziri ubwôko indwi:
1. Intūmbūzi y’íkibănza
2.Intūmbūzi y’ígihe
3.Intūmbūzi y’úkugéne
4.Intūmbūzi y’úkūnganya cânké y’încúro
5.Intūmbūzi y’úkubáza
6.Intūmbūzi y’úkwëmera
7.Intūmbūzi y’úguhakana

Inkébuzo hinyanyura inyandiko

Inkébuzo ní ijāmbo rikorêshwa mu gukébura uwó mugānira.

Gatăngāzi hinyanyura inyandiko

Gatăngāzi ní ijāmbo umūntu avugá kugíra ngo aserúre akamúbakiye ku mutíma, arí ukunêzērwa, ugushīma cânké ukugaya.

Gakŭmbānya hinyanyura inyandiko

Gakŭmbānya ní ijāmbo ryīgâna ukó ibīntu bigēndá aríko mū mvúgo ipfunyápfunye kăndi y’ínshushānyo, ukamēngo uravyîbónera cânké uravyîyúmvira.

Ibitabu vyăkorēshejwe hinyanyura inyandiko