Cibitoke ni intara imwe muntara icumi n'umunani zigize igihugu c'Uburundi. Iyo ntara ikaba iherereye mu burengero bushira uburaruko bw'ico gihugu. Ni intara uravye ahantu iherereye ihagaze neza kuko ihana urubibe n'ibihugu vy'Urwanda hamwe na Repubulika Iharanira Intwarorusangi ya Kongo(RDC). Ni intara izwi cane kubera yimbukamwo ibitoke vyinshi ninaco gituma bayise Cibitoke kandi hakaba havayo n'inzoga bita urwarwa ihingurwa mu bitoke benshi bakunze gutazira izina ry'imwe mu ma Komine agize iyo ntara bita Rugombo.

Hagati mu gihugu, intara ya Cibitoke ihana urubibe n'intara ya Kayanza hamwe n'intara ya Bubanza.

  • Abanyagihugu: ibihumbi cumi n'indwi n'ijana na mirongo ine na bane (17.142) mumwaka w'ibihumbi bibiri n'icenda (2009).
    Burundi - Cibitoke