Uburundi: Ubutandukane hagati y'isubirwamwo

Content deleted Content added
Sorrat (ganira | intererano)
tNo edit summary
Umurongo 33:
Kimwe mu bituma indyane zidahera, ni igwirirana ry’abantu mu matongo yaze n’inkurikizi zaryo ku butunzi busanzwe bushimikiye canecane ku burimyi. Abenegihugu bangana n'imiriyoni umunani ugereranije bagwirirana ku rugero rugwijije na kabiri uko imyaka mirongo itatu iheze, bakagwira kurugero rungana n’ibice 3% ku mwaka. Tugereranije, dusanga hafi ica kabiri c’abarundi bafise munsi y’imyaka 15, ibice bingana 90% babeshwaho n’uburimyi. Abangana n’ibice 70% na bo, usanga baronka agahembo kari munsi y’idorari rimwe ry’Abanyamerika ku musi.
 
Inyuma y’ihagarikwa ry'idemokarasi mu 1993, ibihugu bigize kano karere ([[Ubuganda]], Tanzaniya, Ubufirika bw’epfo), bishigikiwe n’amakungu , vyarafashe ingingo yo kugarukana amahoro mu gihugu , ibiganiro vyatumye haba ishirwa ry’igikumu i Arusha ku masezerano y’amahoro n’umwumvikano mu BurundiUburundi. Amasezerano y’i Arusha ashimikiye ku mwumvikano n’ubumwe mu gihugu, agategekanya n’ingene abadasangiye ubwoko boserukirwa ata mahinyu. Ishirwa mu ngiro ry’Amasezerano ryabaye intango y’intwaro y’infatakibanza, mu ntambwe yashitseko iyihambaye ikaba yabaye ishikirizwa muri Gitugutu umwaka w'2001, ry’ibwirizwa shingiro rizogenga itunganywa ry’inzego mu kiringo c’amezi 36.
 
Muri Ruhuhuma umwaka w'2005, Abarundi barahamagariwe kwemeza irindi bwirizwa shingiro biciye mu matora. Iryo bwirizwa shingiro risubirira iryamaze amezi 36, rirasigura neza ko Uburundi ari irepuburika yigenga, ifise n'idemokarasi kandi itisunga idini na rimwe , " yubahiriza ubudasa bw’amoko n’amadini ". Iryo bwirizwa shingiro rirubahiriza urugero amoko aserukirwa mu vy'iporitike, mu nzego, mu buzi bw'ireta, rikongera rikubahiriza intwaro ihuriyemwo abanyeporitike n’abajejwe umutekano mu gushinga urugero ahahutu n’abatutsi baserukirwako, badasize inyuma kwubahiriza uguserukirwa kw’abakenyezi ku bice 30%.