Intete nkomezamubiri ni isoko rihambaye ry’inkomezamitsi. Inkomezamitsi ituma imfungurwa zoroherwa mu kuzunguruka mu mara, ikingira ingwara zimwe zimwe kandi irafasha kuguma ufise uburemere bugereranye. Uturorero mu mfungurwa z’intete nkomezamubiri ni umuceri usa n’umugina, umukate w’ingano, n’izindi mfungurwa zikozwe mw’ifu y’ingano: nk’ubuyi canke umusururu. Bikwiye ko umuntu yofungura imfungurwa z’intete nka kabiri ku munsi.

Umuceri n'isupu y'ikiriringanya
Intete z'ingano.