NIHEREWENIMANA Richard ni umukorera bushake wa Wikimedia y'uburundi. Niherewenimana yinjiye mumuryango wa Wikimedia y'uburundi mumwaka w'ibihumbi bibiri na mirongo ibiri (2020). NIHEREWENIMANA Richard yavukiye muntara ya muramvya, ikomine ya Muramvya nyene, zone Muramvya kumutumba wa masango agacimbiri bihororo. NIHEREWENIMANA yavutse mumwaka w'igihumbi kimwe n'amajana icenda na mirongo icenda na gatanda, kwongerako rya mirongo ibiri na gatanu Rusama ( le 25 Mai 1996). Amashure y'intango yayize kuri EP MURAMVYA II binshi Baku da kwita kuri officiel yongera ayabandaniriza kuri EP MASANGO. Amashure yisumbuye yayize kuri lycée Communale Muramvya (ariko yahize umwaka umwe gusa) aca yongera ayabandaniriza kuri lycée Communale Kabuye II iri Muri komine Rango intara ya Kayanza ariko yahize kugera mumwaka w'icumi gusa. Mumwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na gatandatu ushira uwibihumbi bibiri na cumi n'indwi ( 2016-2017) amashure yaciye ayabandaniriza Muri ITAB KIGIZI iri muntara ya Kirundo komine Kirundo zone Kirundo rurale. Mumwaka w'ibihumbi bibiri na cumi n'icenda niho yarangiza amashure yiwe yisumbuye mugisata kijanye n'amahinguriro kuraba ibisohoka n'ivyinjira mugihugu ko bitunganijwe neza be n'igisata co gufungura neza ( TIAA). Mumwaka w'ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na rimwe, NIHEREWENIMANA Richard yarabandanije amashure yiwe ya kaminuza. Niherewenimana Richard yaciye ayabandaniriza mugisata c'ubuforoma bita soins infirmiers canke sciences infirmières mukinyamazuru. Aho kaminuza yayize muntara ya Gitega ( umugwamukuru w'uburundi muvyintwaro) kw'ishure ry'ubuvuzi rya Gitega ISPG ( institut supérieur paramédical de Gitega) benshi bakunda kwita kwa George. NIHEREWENIMANA Richard amashure yiwe ya kaminuza yayarangije igenekerezo rya mirongo ibiri Nzero mumwaka w'ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na kare (le 20/01/2024) ahejeje gusoma igitabo ciwe co kurangiza kaminuza aho yanditse kungwara zo mukanwa niz'amenyo bakunze kwita ubugendakanwa ( infections bucco-dentaires).

Start a discussion with NIHEREWENIMANA Richard

Start a discussion