Dudu Théophile Niyukuri

Dudu Théophile NIYUKURI

Théophile NIYUKURI canke Dudu T NIYUKURI, ni umuririmvyi akaba n'umuhinyanyuzi w'amajwi.

Amazina yiswe n'abavyeyi biwe ni Théophile NIYUKURI. Yavukiye mu gisagara ca Bujumbura mumwaka w'igihumbi n'amajana icenda na mirongo umunani na rimwe (1981). Amashure matomato n'ayisumbuye yayize mu gisagara ca Bujumbura nyene. Aca aminuriza mu gihugu ca Afrika y'Epfo, mu bijanye no guhinyanyura amajwi.

Izina DUDU uko ryaje

N'ayo akazina "Dudu" bakamwise ari muto kubera ibintu vyose yavyita "Dudu" baca barakamutazira gushika na bugingo n'ubu. Yatanguye kuririmba afise imyaka icumi n'itanu (15). Yahereye kuri "Centre Jeune Kamenge", yari mu runganwe rumwe na ba Kaka Boney".

Mu nyuma abandaniriza mw'ishengero afise imyaka icumi n'umunani (18). Yasohoye "album" ya mbere yiwe yasohotse mumwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na kabiri (2012), yise "Sinicuza". Indirimbo imwe muri iyo "album" yarahejeje gushira ahabona, niyo benshi bamumenyeyeko yise "Ntabe ari twebwe". Yarabandanije asohora n'izindi "albums", ubu ageze ku ya gatatu.

Mumwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na gatandatu (2016), yahavuye yungururiza mu gihugu ca Kenya, niho yabandanirije gukuza ingabirano yo kuririmba, akaba kandi asanzwe akora n'ivyo yigiye (guhinyanyura amajwi). Akandi kabirya rero afise, ni uko hambavu yo kuririmba no guhinyanyura amajwi, arazi no kuvuza igitari.

Dudu aramaze gutahukana ubushimwe butatu (3) no kuzunguruka mu bihugu bitandukanye kubera ingabire yiwe. Twovuga nko mu Rwanda, Ububirigi, Danemark, Suwede n'Ubufaransa.

Igiteramo ciwe ca mbere (1), yagikoze mu mwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na kabiri (2012), hari mu kigo ndangakaranga c'Abafaransa mu Burundi. Muri iri ici, yazokoze ikindi giteramo yise "Ayayayaaahh Concert", ku ncuro ya gatatu (3), yari itariki indwi (7) Mukakaro umwaka w'ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na kane (2024) ku kibanza ca Source du Nil i Bujumbura.