Iteke (Colocasia esculenta) ni ikiribwa gikomoka ku mugabane wa Aziya yo mu buseruko bushira ubumanuko. Igiterwa c'iteke kirarimwa mu bice vyinshi vyo muri Afirika, ndetse na hano mu Burundi. Ico giterwa camira mu kuzimu. Mu kugisoroma, barafurura mu kuzimu bagakurayo imyaho. Imyaho iba yakuriye kw'iteke ari ryo bita Igoma. Imyaho niyo bafungura bamanje kuyitegura mu guhwata hama bakayiteka. Amagoma rero niyo kandi aheza akaba imbuto igihe batera iteke.

Amateke
Amateke

Barafungura kandi amababi y'amateke nayo nyene babanje kuyategura mu kuyateka. Afungurwa nk'imbogaboga, bakayita Igitika.

Araceae Colocasia esculenta 1