Adolphe Nshimirimana yavutse itariki 12 Nzero, 1964 yitaba Imana itariki 2 Mukakaro, 2015. Yari afise ipete rya liyetena jenerali (Lieuténant Général) mu ngabo z’Uburundi. Yabaye umuyobozi mukuru w’ingabo, ndetse akaba n'Umujanama mukuru wa perezida ushinzwe umutekano mu gihugu, akaba kandi n'umufasha wa politike wa perezida Pierre Nkurunziza Lt. Nshimirimana yarabaye Umuyobozi ushinzwe umutekano mu gihugu ku ntwaro ya Nkurunziza, araba kandi Umuyobozi w'ikigo c'igihugu gishinzwe iperereza . Yavukiye i Nyabiraba muri Komine ya Gishubi , Intara ya Gitega.[1]

Adolphe Nshimirimana
Yavutse Igenekerezo rya 2 Nzero 1964

Gitega , Uburundi

Yapfuye Igenekerezo rya 12 /8/ 2015

Bujumbura , Uburundi

Icateye urupfu cari gifise intwaro y'ubu bwoko

Mu mwaka wa 2015, Perezida Pierre Nkurunziza yatangaje ko ashaka kwitoreza ikiringo ca gatatu, bituma abantu benshi batavuga rumwe n'Ubutegetsi bagira imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3.

Adolphe Nshimirimana yafashije gutsinda umugambi wo guhirika ubutegetsi bwa Nkurunziza muri Rusama 2015 kandi yabona ko ari we yateguye igitero co guhasha abigaragamvya.

Umuryango uharanira uburenganzira bwa muntu washinja Nshimirimana kuba "umwe mu bantu bakomeye ba perezida" Nshimirimana yagize uruhara runini mu gihe imyigaragamvyo yo kugwanya Nkurunziza yakomeza hagati muri 2015.

Igenekerezo rya 4/12/ 2015, Nkurunziza yategetse abapolisi kurondera abicanyi bishe Nshimirimana mu minsi icumi.

Igenekerezo rya 13/12/ 2016, abapolisi bo mu Burundi batangaje ko umwe mu bakekwa kuba barishe Nshimirimana yatorotse ibohero yica umuzamu.

  1. https://alchetron.com/Adolphe-Nshimirimana