Wiki Loves Africa ni ihiganwa nyafirika ryama riba uko umwaka utashe.

Ihiganwa Wiki loves Africa ni ihihiganwa mpuzamakungu, ryatanguye mu bihumbi bibiri na cumi na kane (2014).

Ryerekeye itororokanywa ry'amashusho, amasanamu hamwe n'amajwi. Ihangiro ry'iryo higanwa akaba ari kwegeranya amashusho, amasanamu hamwe n'amajwi ivyo navyo bikaba vyegeranywa kugirango bishobore gukoreshwa kumbuga wikipediya hamwe n'izindi mbuga zegukira Wikimedia Fondation.

Wiki loves africa kuva mu bihumbi bibiri na cumi na kane (2014) rimaze gushika kurugero rutari ruto, aho rimaze kwegeranya amashusho agera ku bihumbi mirongo irindwi na bibiri n'amajana atatu na mirongo irindwi n'atanu (amasanamu 72 375) yatanzwe n'abantu bagera ku bihumbi icenda n'amajana abiri na mirongo irindwi n'indwi (9 277). |, Amasanamu ya Wiki Loves Africa akaba amaze kurabwa n'abantu bagera ku miriyoni amajana indwi na mirongo umunani n'indwi (imiriyoni 787). Kurizo ncuro nyene, kuva mu kwambere k'umwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na gatandatu (2016) gushika mu kwezi kw'umunani umwaka w'ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na rimwe(mu kwambere 2016 - mu kw'umunani 2021). ,Wiki Loves Africa 2021 yabaye kucivugo amagara n'ukubaho neza Wiki Loves Africa 2020 yabaye kucivugo afirika muri muvema Wiki Loves Africa 2019 yabaye kucivugo c'umukinyi Wiki Loves Africa 2017 yabaye kucivugo abantu ku kazi Wiki Loves Africa 2016 yabaye kucivugo umuziki n'intambo Wiki Loves Africa 2015 yabaye kucivugo umuderi na parire Wiki Loves Africa 2014 yabaye kucivugo c'ugukinjika.

WikiLovesAfrica generic emailer