Uburundi: Ubutandukane hagati y'isubirwamwo

Content deleted Content added
Guhubura 2022
Amaparati: Visual edit Mobile edit Mobile web edit
Guhubura 2022
Amaparati: Visual edit Mobile edit Mobile web edit
Umurongo 37:
Abangana n’ibice mirondo indwi (70%) nabo usanga baronka agahembo kari munsi y’idorari rimwe ry’Abanyamerika ku musi.
 
Inyuma y’ihagarikwa ry'intwaro rusangi mu 1993, ibihugu bigize kano karere ([[Ubuganda]], Tanzaniya, Afirika bw’epfoy’epfo), bishigikiwe n’amakungu , vyarafashe ingingo yo kugarukana amahoro mu gihugu, ibiganiro vyatumye haba ishirwa ry’igikumu i Arusha ku masezerano y’amahoro n’umwumvikano mu Burundi. Amasezerano y’i Arusha ashimikiye ku mwumvikano n’ubumwe mu gihugu, agategekanya n’ingene abadasangiye ubwoko boserukirwa ata mahinyu. Ishirwa mu ngiro ry’Amasezerano ryabaye intango y’intwaro y’infatakibanza, mu ntambwe yashitseko iyihambaye ikaba yabaye ishikirizwa muri Gitugutu umwaka wa 2001, ry’ibwirizwa shingiro rigenga itunganywa ry’inzego mu kiringo c’amezi 36.
 
Muri Ruhuhuma umwaka wa 2005, Abarundi barahamagariwe kwemeza irindi bwirizwa shingiro biciye mu matora. Iryo bwirizwa shingiro risubirira iryamaze amezi 36, rirasigura neza ko Uburundi ari irepuburika yigenga, ifise intwaro rusangi kandi itisunga idini na rimwe , " yubahiriza ubudasa bw’amoko n’amadini ". Iryo bwirizwa shingiro rirubahiriza urugero amoko aserukirwa mu vya poritike, mu nzego, mu buzi bwa reta, rikongera rikubahiriza intwaro ihuriyemwo abanyeporitike n’abajejwe umutekano mu gushinga urugero ahahutu n’abatutsi baserukirwako, badasize inyuma kwubahiriza uguserukirwa kw’abakenyezi ku bice 30%.