Uburundi: Ubutandukane hagati y'isubirwamwo

Content deleted Content added
Update of the situation, words correstions.
#WPWP #WPWPBI
Umurongo 32:
Kuva Uburundi buronse ukwikukira, bwagize ingorane nyinshi zijanye n’ivy'imibano na poritike zagumye zigaruka ari zo zatumye haba indwano, haba abahungiye mu mahanga abandi bakegeranirizwa hagati mu gihugu, harasamburwa inyubakwa rusangi n’ubutunzi. Ingwano yabaye mu Burundi mu 1993, niyo yabaye ndende cane kandi ni nayo yagize inkurikizi mbi cane ku vyerekeye poritike. Kukaba nkako, uretse ihagarikwa ry’umuzo w'intwaro rusangi n’itituka ry’ivyerekana iterambere mu vyerekeye ubutunzi ico kiza nyene c’intambara cateye, caranatumye haba itituka ry’ubutegetsi n’akaranga mu bice vyinshi vy’igihugu.
 
Kimwe mu bituma indyane zidahera, ni igwirirana ry’abantu mu matongo yaze n’inkurikizi zaryo ku butunzi busanzwe bushimikiye canecane k'uburimyi. Abenegihugu bangana n'imiriyoni umunani ugereranije bagwirirana ku rugero rugwijije na kabiri uko imyaka mirongo itatu iheze, bakagwira kurugero rungana n’ibice bitatu kw'ijana (3%) ku mwaka. Tugereranije, dusanga hafi ica kabiri c’abarundi bafise munsi y’imyaka 15, ibice bingana mirongo icenda kw'ijana (90%) babeshwaho n’uburimyi.
[[File:FLII_Burundi.png|thumb|FLII Burundi]]
Abangana n’ibice mirondo indwi (70%) nabo usanga baronka agahembo kari munsi y’idorari rimwe ry’Abanyamerika ku musi.
 
Inyuma y’ihagarikwa ry'intwaro rusangi mu 1993, ibihugu bigize kano karere ([[Ubuganda]], Tanzaniya, Afirika bw’epfo), bishigikiwe n’amakungu , vyarafashe ingingo yo kugarukana amahoro mu gihugu, ibiganiro vyatumye haba ishirwa ry’igikumu i Arusha ku masezerano y’amahoro n’umwumvikano mu Burundi. Amasezerano y’i Arusha ashimikiye ku mwumvikano n’ubumwe mu gihugu, agategekanya n’ingene abadasangiye ubwoko boserukirwa ata mahinyu. Ishirwa mu ngiro ry’Amasezerano ryabaye intango y’intwaro y’infatakibanza, mu ntambwe yashitseko iyihambaye ikaba yabaye ishikirizwa muri Gitugutu umwaka wa 2001, ry’ibwirizwa shingiro rigenga itunganywa ry’inzego mu kiringo c’amezi 36.