Indwara yo kwuma mugitsinagore

INDWARA YO KWUMA MU GITSINA GORE

(Sécheresse vaginale)

Kwuma mu gitsina gore n'imwe mundwara zibangamiye abakenyezi n'abigeme batari bake kw'isi yose haba mubihugu biteye imbere canke ibiri munzira y'amajambere. Igiteye ubwoba aho kwitura abobafasha bapfana isoni abandi bagapfana impfane kubagabo babo ngo nta mugore atagira amazi kiretse abatazi kuyarondera. Ivyo navyo bigaca biteza ingorane mungo, umugabo akarabwa nabi n'umugore ngo ntaco amaze, umugore nawe agaturubikwa ngo yarumye.

NI RYARI TWOBONA KO IGITSINA GORE CUMYE

Mumajambo make cane mugitsina c'u mugore hama hakanye (habomvye) kuko ari ikibanza gikanye (milieu humide) ariko ayo siyo mazi aba akenewe mugihe co kurangura amabanga y'abubatse kuko amazi ari gutatu dusanga mugitsina gore:

1.Liquide vaginal: Akenshi ayo n'amazi yama mugitsina gore atuma hama habomvye (humide),

2.Cyprine: Ayo niyo mazi akenewe kandi ino nyandiko niyo ihagazeko.

AKAMARO KAYO:

Amazi n'ingirakamaro mu gihe c'imibonano mpuza bitsina niyo atuma iryo banga riryoha cane ivyo twobivuga mumice ibiri (akamaro kayo):

A. Amazi afise akamaro ko kwerekana ko umugore hageze ko arangura amabanga y'abubatse(ashushe, ashutswe), Iyo umugabo ariko arategura umugore mu kumukorakora kubihimba nkaburamubiri (caresse) nko ku matako, ku matwi, ku mabere, ku nda, mumushatsi n'ahandi. Umugore aragera aho ashuha ( ashukwa) muri ico gihe hari amazi yisuka azananye mu gahimba bita glande bartholin akameneka gushika naho isiripe itota nico gituma atari vyiza gutegura umugore wamukuye isiripe kuko ifise akamaro kenshi.

AKAMARO K'ISIRIPE MU MIBONANO MPUZA BITSINA

Isiripe ifise akamaro kanini murico gihe co kurangura amabanga y'abuhatse gusa reka tubivuge mumice ibiri mikuru:

_Isiripe ifasha umugabo kwamana akayabagu kuko aguma yipfuza gushikira igikingiriwe nayo,

_Yerekana ko umugore hageze ko arangura amabanga y'abubatse kuko umugabo abirabira ukuntu iba yatose.

B. Amazi atuma imibonano mpuza bitsina iryoha kuko atuma uruza n' uruja mu gitsina gore rworoha maze uburyohe bukiyongera kuri bose.

3. Ejaculat Ayo nayo ni amazi aboneka iyo umugore yamaze kuryoherwa cane bivuye kuruja nuruza rw'igitsina gabo mu gitsina gore. Murico gihe haragera aho ashikira umunezero wanyuma (famme fontaine) ico gihe hari amazi yisuka avuye mugihimba c' umwanda muto bita urètre harabo aseseka hanze gushika aho atemba gushika kuri 200ml ayo mazi tuyita ejaculat.

IBITUMA ABURA

Ibituma amazi mugitsina gore abura nivyinshi gusa reka tuvuge bike muri vyinshi:

1.lsuku rirenze mugitsina gore kugeza aho wogesha isabuni,

2.Ubwandu bwo mubihimba vy'irondoka( infection vaginale canke Infection urinaire),

3.Guta umutwe n'agahinda( stress et dépression),

4.Guca imvyaro canke kwegereza guca imvyaro ( ménopause ou pre-menopause)

6.Imiti canke ibikoresho bakoresha abogore bavyare kurugero,

7.Gufungura nabi,

8.Inzoga( zitunze acetaldéhyde déshydrogénase irabituma),

9.Imiti imwimwe yo kwamuganga,

10.Gukoresha agakingirizo katagira amavuta akwiye( préservatif non lubrifiant ),

11. Umuntu yakuwemwo igitereko ( hystérectomie)

12. Ingwara y'igisukari ( diabète) n'ibindi.

INGARUKAMBI ZO KUBURA AMAZI 

Ingaruka mbi zo kubura amazi mugitsina gore ni nyinshi ariko reka tuvuge zine nyamukuri:

1.Kubura amazi bisambura ingo bigatuma barenga ibigo,

2.Kutaryohererwa amabanga y' abubatse kuko bibababaza cane,

3.Kwikeka uwo mubana ko azoja kurondera abayafise,

4. Kwikeka ko umushingantahe atazi kuyarondera bigatuma umugore aja gusambana hanze n'ibindi.