Inanga ni igicurarangisho kama c’abarundi kuva kera narindi. Kibaje nk'urutaro kikaba gifise imirya (imigozi ari nayo bavuza); nayo iyo mirya yaba iva mu mitsi y’inka baretse (banikiye) ikuma hanyuma bakayikanira kuri cagiti. Iyo mirya niyo mu kuvuza inanga bakwega ijwi rivuyemwo rikaryohera ugutwi. Mugukana iyo mirya baragerageza bagatanya mu myanya no mu majwi kugira ntivuge ijwi rimwe. Hamwe baradwegeza ahandi bakaregeza bukebuke. Inanga kandi ni urwo ruvyino bavuga bishimikije ico gicurarangisho. Hari aho bawita «umurya w’inanga» canke «inanga» conyene.

Akamaro k'inanga muri kahise

Muri kahise k'uburundi inanga yakunda gukoreshwa cane cane i bwami: niyo bavugiriza umwami kukagoroba aryamye bakayivuza bongorera kugirango asinzire neza (ni naho havuye uryamuco wo kuvuza inanga bongorera), ndetse n'ibibera hanze bagume bavyumva neza. Bavuza kandi umurya w'inanga bongorera kugirango ntibakome inka zaba ziryamye zisinziriye uziko inka nazo mumigenzo y'ikirundi zahabwa agaciro kadasanzwe ndetse na bugingo n'ubu. Umurya w'inanga na basokuru barawuvuza bateramiye inkono canke ijoro rigiye bagomba kuba barariherekeza barondera n’agatiro na cane cane ko umurya w’inanga usa n’uwukwega agatiro kuko uvuga gahorogahoro, senaka yaravuza umurya w'inanga abana bagatega yompi hama bakajanwa bukebuke n'agatiro bagasinzira.

Ibivurwa mu nanga

Inanga, nk’ayandi mayagwa yose y’ikirundi zishikiriza iciyumviro kandi zigakoreshwa muguteramisha abantu. Ivyiyumviro vyakunda kuba bivurwa muri izo nanga kwari nko kwivuga uwakugabiye, (Inanga ya Bigoro), ugutera inkuru yabaye ( Inanga ya Maconco), Ubuzima mu kibano (Umuhirwe ni nde), ndetse no Kuresha ( Inanga "Urambera umukunzi" ya Donasiyano w’i Muramvya).

Hariho ndetse n'ibindi bikunda gukoreshwa mumurya w'inanga nk'ibitito n'ibisokozo.

Abavuza inanga

Uburundi bufise imico n'imigenzo, abakenyezi canke abigeme baravuza inanga nk'bagabo ndetse zikaryoha cane narirya benshi unsanga bafise akajwi kameze neza kakanyengetera mumatwi bikaryoha, mukuvuza inanga mumico n'imigenzo y'uburundi biratandukanye cane n'ingoma kuko zozo batarekuriwe kuzivuza.

Mugihe ca none umurya w'inanga uravuzwa ndetse haramaze kuboneka iterambere aho hariho n'inanga zivuga mururimi gw'igifaransa.