Urupfu rwa Aburahamu

1 Aburahamu yabira uwundi mugore yitwa Ketura. 2 Amuvyarira Zimerani, Yokeshani, Medani, Madiyani, Yishebaki na Shuwa. 3 Yokeshani avyara Sheba na Dedani. Bene Dedani ni Abashuri, Abaretushi n'Abarehumi. 4 Bene Madiyani na bo ni Hefa, Heferi, Hanoki, Abida na Eredaha. Abo bose ni bene Ketura. 5 Aburahamu yahaye itunga ryiwe ryose Izahaki. 6 Ariko abahungu Aburahamu yari yavyaye ku bahabara, Aburahamu arabagabira gusa, araheza, akiriho, abarungika amaja mu buseruko mu ntara yo mu buseruko, kure y'umuhungu wiwe Izahaki. 7 Ng'iki igitigiri c'imyaka Aburahamu yamaze: ijana na mirongo indwi n'itanu. 8 Hanyuma Aburahamu aracikana, apfa ashaje neza, ari umutama kandi ahiriwe, ahamvya abiwe. 9 Abahungu biwe, Izahaki na Yishemaheri, bamufuba mw'isenga ry'ibuye ry'i Makepera, mw'itongo rya Heferoni mwene Tsohari Umuheti, aharabana na Mamure, 10 itongo Aburahamu yari yaguze na bene Heti; ni ryo bafuvyemwo Aburahamu na Sara umugore wiwe. 11 Aburahamu amaze gupfa, Imana irahezagira umuhungu wiwe Izahaki. Izahaki aba iruhande y'iriba rya Rahayiroyi.

Yishemaheri n'uruvyaro rwiwe

12 Ng'uru uruvyaro rwa Yishemaheri, umuhungu wa Aburahamu, umwe Hagari umunyamisiri, incoreke ya Sara, yavyarira Aburahamu. 13 Ng'aya amazina ya bene Yishemaheri hakurikijwe amazina yabo n'imvyaro zabo: Nebayoti, imfura ya Yishemaheri, Kedari, Adibeyeri, Mibesamu, 14 Mishema, Duma, Masa, 15 Hadadi, Tema, Yeturi, Nafishi na Kedema. 16 Abo ni bo bene Yishemaheri, kandi ayo ni yo mazina yabo, mu bisata vyabo no mu miryango yabo. Bari bafise abatware icumi na babiri nk'uko imiryango yabo yangana. 17 Ng'iyi imyaka Yishemaheri yamaze: ijana na mirongo itatu n'indwi. Araheza arapfa, ahamvya abiwe. 18 Bagerera kuva i Havira gushika i Shuri iri imbere ya Misiri nk'amaja mu Bwashuri. Yishemaheri yari yagerereye aharabana no kwa benewabo bose.

Ezawu na Yakobo

19 Ng'uru uruvyaro rwa Izahaki, mwene Aburahamu. Aburahamu yavyaye Izahaki. 20 Izahaki yari amaze imyaka mirongo ine aho yarongora Rebeka, umukobwa wa Betuweri Umwaramu w'i Padani Aramu, akaba na mushiki wa Rabani Umwaramu. 21 Izahaki atakambira Umukama, asabira umugore wiwe kuko yari intavyara. Umukama aramwumvira, maze umugore wiwe Rebeka arasama inda. 22 Abana baza baragundana mu mbanyi, avuga ati: «Ibi binshikiye ni ibiki?» Ni ko kuja kubaza Umukama. 23 Umukama amubwira ati: «Utwaye ibihugu bibiri mu mbanyi yawe; imiryango ibiri izotandukana ikiva mu mbanyi yawe. Umwe uzorusha ubukomezi uwundi, kandi umukuru azokorera umutoyi.» 24 Igihe c'uko yibaruka kigeze, basanga yari yibungenze amahasa. 25 Uwaje ubwa mbere yasa n'inginagina, ameze wese nk'uwambaye impuzu y'ubwoya; bamwita Ezawu. 26 Hanyuma hakurikira murumunawe, aza ikiganza ciwe gifashe igitsintsiri ca Ezawu; bamwita Yakobo. Igihe bavuka, Izahaki yari amaze imyaka mirongo itandatu. 27 Ni uko, abo bahungu barakura, Ezawu aba umuhigi w'akaruhariwe, yirirwa mw'ishamba. Yakobo na we yari umuntu agumye hamwe, yigumira mu mahema. 28 Izahaki yakunda Ezawu kubera ko yanurirwa n'inyama yamuzanira; Rebeka na we yakunda Yakobo. 29 Umusi umwe, Yakobo yariko arashigisha umusururu; hanyuma Ezawu aratahuka avuye mw'ishamba, aza yarushe. 30 Ezawu abwira Yakobo ati: «Ndagusavye umpe utwo ntamira kuri birya watukuje bigasa n'inginagina, kuko numva natamye.» Ni co catumye Ezawu yitwa Edomua. 31 Hanyuma Yakobo avuga ati: «Emera ugurishe ubu nyene iteka ryawe ry'ukuba imfura.» 32 Ezawu avuga ati: «Ehe n'ubundi ngira mpfe! Iteka ryanje ry'ukuba imfura rimariye iki?» 33 Yakobo na we avuga ati: «Bindahire ubu nyene.» Arabimurahira atako agurisha kuri Yakobo iteka ryiwe ry'ukuba imfura. 34 Hanyuma Yakobo amuha umukate n'umusururu w'inkore. Ararya, aranywa, aca arahaguruka aragenda. Ezawu atitura atyo iteka ryiwe ry'ukuba imfura.