Ubugeni bwa Izahaki na Rebeka

1 Aburahamu yari ashaje, ageze mu zabukuru, kandi Umukama yari yamuhezagiye muri vyose. 2 Aburahamu abwira umusuku wiwe, uwasumvya abandi imyaka mu rugo rwiwe kandi yatunganya ivyiwe vyose ati: «Zana ikiganza cawe ugishire munsi y'ikibero canje, 3 mpeze nkurahize izina ry'Umukama, Imana y'ijuru, Imana y'isi, ko utazosabira umuhungu wanje umugeni mu bakobwa b'Abakanahani tubana. 4 Ariko uragenda mu gihugu canje, mu mavukiro yanje, habe ari ho usabira umugeni umuhungu wanje Izahaki.» 5 Uwo musuku amubwira ati: «Kumbure uwo mugore ntazokunda kunkurikira muri iki gihugu; none nzoca ntegerezwa gusubiza umuhungu wawe mu gihugu waje uvamwo?» 6 Aburahamu avuga ati: «Uririnda gusubizayo umuhungu wanje.» 7 Umukama, Imana y'ijuru yankuye mu nzu ya data no mu gihugu c'amavukiro yanje, yaranganiriye arandahira ati: «Iki gihugu nzogiha uruvyaro rwawe. Ni We rero azorungika Umumarayika wiwe imbere yawe, hariya ni ho azokura umugore w'umuhungu wanje. 8 Uwo mugore natashaka kugukurikira, ntuzoba ugifashwe n'iyo ndahiro nkurahije. Ariko ntuzosubize hariya umuhungu wanje.» 9 Uwo musuku ashira ikiganza munsi y'ikibero ca shebuja Aburahamu, aramurahira kuri ivyo bintu. 10 Nya musuku atora ingamiya icumi mu ngamiya za shebuja, aragenda. Yakira ibintu vyizavyiza vyose mu vyo shebuja yari afise, arahaguruka, agenda i Aramu Naharayimu mu gisagara ca Nahori. 11 Apfukamika za ngamiya inyuma y'igisagara, iruhande y'iriba ry'amazi, mu gihe c'umugoroba, mu gihe abakobwa bazirako kuvoma. 12 Avuga ati: «Mukama, Mana ya databuja Aburahamu, mfasha uno musi mpure n'uwo ndondera, wereke ubuntu bwawe databuja Aburahamu. 13 Ehe mpagaze kw'iriba ry'amazi, na bo abakobwa b'abantu bo mu gisagara bariko baraza kuvoma amazi. 14 Ni uko rero, umwigeme nza kubwira nti: Ndagusavye uhengeke umubindi wawe nywe amazi, akanyishura ati: Nywa, mpeze nce nywesha n'ingamiya zawe, uwo ni we uzoba wageneye umusuku wawe Izahaki. Ni co nza kumenyerako ko weretse ubuntu bwawe databuja.» 15 Ataranaheza kuvuga, Rebeka aca araseruka afise umubindi ku rutugu. Rebeka yavuka kuri Betuweri umuhungu wa Mireka, umugore wa Nahori mwenewabo na Aburahamu. 16 Uwo mwigeme yari aryoheye ijisho cane; yari akiri isugi, nta mugabo yari bwamurongore. Amanuka kw'iriba, yuzuza umubindi wiwe, araduga. 17 Wa musuku yiruka kumutegera, avuga ati: «Ndagusavye umpe mire amazi makeyi kuri uwo mubindi wawe.» 18 Yishura ati: «Nunywe databuja.» Ubwo nyene atura umubindi wiwe awufatira mu minwe, aramuha aranywa. 19 Amaze kumuha akanywa avuga ati: «Hinge nje kuvomera n'ingamiya zawe, zinywe zishire inyota.» 20 Ubwo nyene asuka mu bwato amazi yari mu mubindi, yongera yiruka kw'iriba kuvoma, avomera ingamiya ziwe zose. 21 Uwo mugabo yaguma amushinga ijisho yihoreye, agomba kumenya ko Umukama yamushikanye ku co yarondera, canke ko bitarakunda. 22 Ingamiya zihejeje kunywa, wa mugabo yakira impeta y'inzahabu ifise uburemere bw'ibekab, n'imiringa ibiri ifise uburemere bw'amashekeri icumi y'inzahabu y'ukwambara ku maboko. 23 Amubwira ati: «Ndagusavye umbwire: uri umukobwa wa nde? Turashobora kuronka indaro mu nzu kwa so muri iri joro?» 24 Na we yishura ati: «Ndi umukobwa wa Betuweri, umuhungu Mireka yavyariye Nahori.» 25 Hanyuma amubwira ati: «Iwacu turafise icarire, n'ubwatsi bw'ingamiya bwinshi; kandi n'uburyamo turabufise.» 26 Wa mugabo arapfukama, akubita inkoro hasi imbere y'Umukama; 27 avuga ati: «Nahezagirwe Umukama Imana ya databuja Aburahamu, We atigeze akura ubuntu bwiwe kuri databuja kandi ntiyigere amuhemukira. Umukama yaranyoboye mu rugendo ndashika mu rugo rwa benewabo na databuja.» 28 Wa mwigeme ariruka, ashika mu nzu kwa nyina, yigana ivyo bintu. 29 Rebeka yari afise musazawe yitwa Rabani. Rabani yiruka agana wa mugabo iyo ari hanze kw'iriba. 30 Yabaye akibona impeta n'imiringa ku maboko ya mushikiwe, yumvise na mushikiwe Rebeka avuze ati: «Uko ni ko yambwiye», aca agenda aho uwo mugabo yari ahagaze ari kumwe n'ingamiya hambavu y'iriba. 31 Amubwira ati: «Kaze wewe wahezagiwe n'Umukama. Ni kuki woguma hanze? Natunganije inzu n'ikibanza c'ingamiya nyene.» 32 Wa mugabo arashika mu rugo; Rabani atura ivyo zari zikoreye. Bazisasira icarire, baziha n'ubwatsi; uwo muntu n'abo bangendanye babaha amazi yo kwiyoza ku birenge. 33 Bamuhereza ivyokurya, na we avuga ati: «Sindya ntabanje kuvuga iringenza.» Na bo basubizayo bati: «Yaga.» 34 Avuga ati: «Ndi umusuku wa Aburahamu. 35 Umukama yarahunze imihezagiro databuja, aramusesekariza aba mukuru. Yaramuhaye ibitungwa bitobito na bininibinini, ifeza n'inzahabu, abasuku n'incoreke, ingamiya n'indogobwe. 36 Sara na we, umugore wa databuja, n'aho yari ashaje yaravyariye databuja umuhungu, kandi ni we databuja yaraze ivyiwe vyose. 37 Databuja yarandahije ati: Ntuze usabire umuhungu wanje umugeni mu bakobwa b'Abakanahani, bene iki gihugu ncumbitsemwo. 38 Ariko uzoje mu rugo kwa data; mu muryango wanje ni ho uzokura umugore w'umuhungu wanje. 39 Nabwiye databuja nti: Kumbure uwo mugore ntazonkurikira. 40 Na we yambwiye ati: Umukama nayobotse azokurungikira umumarayika wiwe, atunganye urugendo rwawe. Nawe uheze ucagurire umuhungu wanje umugore mu muryango wanje, mu rugo kwa data. 41 Iyo ndahiro izokuvako niwaja mu muryango wanje. Nibaramuka bamukwimye na ho nyene, iyo ndahiro izokuvako. 42 Uyu musi, nashitse kuri iryo riba, mvuga nti: Mukama, Mana ya databuja Aburahamu, niwaba ushima kunshikana ku co ndondera mu rugendo ndimwo, 43 ehe mpagaze hambavu y'iri riba ry'amazi; umwigeme aza kuvoma nkamubwira nti: Mpa nywe amazi makeyi ku mubindi wawe, 44 na we akanyishura ati: Nunywe wewe, mpeze mvomere n'ingamiya zawe, azoba ari we mugore Umukama yageneye umuhungu wa databuja. 45 Nabaye ntaraheza kuvyibwira mu mutima wanje nza mbona Rebeka araserutse n'umubindi ku rutugu, amanuka kw'iriba, aravoma. Nca ndamubwira nti: Ndagusavye umpe amazi y'ukunywa. 46 Yaciye abanguka, atura umubindi, ambwira ati: Akira unywe, mpeze nyweshe n'ingamiya zawe. Ndanywa, araheza anywesha n'ingamiya zanje. 47 Ndamubaza nti: Uri umukobwa wa nde? Na we yishura ati: Ndi umukobwa wa Betuweri, umuhungu Mireka yavyariye Nahori. Naciye ndamwambika impeta ku mazuru, n'imiringa ku maboko. 48 Ni ho napfukama, ngakubita inkoro hasi imbere y'Umukama, ngahezagira Umukama Imana ya Aburahamu databuja, we yanyoboye mu nzira y'ukuri gushika aho ncagurira umuhungu wiwe umukobwa wa mwenewabo na databuja. 49 Ubu rero, mukaba mwemeye kugirira ubuntu databuja ntimumuhemukire, nimubimbwire. Bitabaye ivyo na ho kandi mubimbwire, mpindukirire iburyo canke ibubamfu.» 50 Rabani na Betuweri bishura bavuga bati: «Ivyo bintu vyamuka ku Mukama, ni co gituma tudashobora kukuvugisha nabi canke neza. 51 Ng'uwo Rebeka ari imbere yawe, mutware ugende aheze abe umugore w'umuhungu wa shobuja, nk'uko Umukama yabivuze.» 52 Umusuku wa Aburahamu yumvise ayo majambo akubita inkoro hasi imbere y'Umukama. 53 Asokorora amashikanwa y'ifeza, amashikanwa y'inzahabu n'impuzu, abihereza Rebeka; ahereza kandi musazawe na nyina ingemu z'agaciro. 54 Bararya, baranywa, we n'abagabo bari kumwe, barara aho. Bavyutse mu gitondo avuga ati: «Nimundeke ntahe kwa databuja.» 55 Musaza w'uwo mukobwa na nyina wiwe bavuga bati: «Nabanze amarane natwe nk'imisi icumi, hanyuma azoheza agende.» 56 Ababwira ati: «Ntimuntevye kandi Umukama yanshikije ku co ndondera mu rugendo rwanje; nimundungike ntahe, ngende kwa databuja.» 57 Bavuga bati: «Hinge duhamagare wa mwigeme, twumve irimuva mu kanwa.» 58 Bahamagara Rebeka, bamubaza bati: «Urashaka kujana n'uwo mugabo?» Avuga ati: «Ego ndagenda.» 59 Bararungika mushiki wabo Rebeka, n'uwahora ashinzwe kumurera, hamwe na wa musuku wa Aburahamu, n'abantu biwe. 60 Bahezagira Rebeka bavuga bati: «Ewe mushiki wacu, ese wogwira gushika ku bihumbi n'ibihumbi; uruvyaro rwawe ruze rwigarurire amarembo y'abansi barwo.» 61 Rebeka arahaguruka n'incoreke ziwe; burira ku ngamiya, bakurikira wa muntu. Wa musuku ahitana Rebeka, aragenda. 62 Ku mugoroba, Izahaki arataha avuye kw'iriba ryitwa Rahayiroyic. Na we muri ico gihe yaba mu ntara ya Negebu, 63 akaba yari agiye kuyebayeba mu mirima harya ku kagoroba. Araramuye amaso, abona ingamiya ziriko ziraza. 64 Rebeka na we ngo araramure amaso, abona Izahaki, aca ava ku ngamiya asimbira hasi. 65 Abaza wa musuku ati: «Uriya mugabo ariko aratembera mu mirima tugira duhure ni nde?» Uwo musuku avuga ati: «Ni databuja.» Rebeka aca afata umwitwikiro wiwe aripfuka. 66 Umusuku yiganira Izahaki ivyo yari yagize vyose. 67 Izahaki yinjiza Rebeka mw'ihema risigwa na nyina wiwe Sara, aramwabira, na we aba umugore wiwe, aramukunda; gutyo Izahaki akira intuntu yari yatewe n'ukubura nyina wiwe.