Igitigu ni igihimba ngirakamaro mumubiri w'umuntu .Ni ntasubirizwa muvy'ukuri gifise ibikorwa vyinshi mu buzima bwacu .

Igitigu giherereye mu rubavu rw'iburyo kandi kikaduga gushika hejuru kw'ibere ry'iburyo.

Kimwe mubikorwa igitigu gikora nikuyungurura ubucafu canke ubumara butembera mu maraso.

Niyo mpamvu ukwo ubumara buba bwinshi niko hashika igihe igitigu cononekara hagaca habaho indwara y'igitigu.