Ibiti bigizwe cane cane n'umurwi w'ubwokobw'ibiti vy' amashurwe.
Même les arbres les plus majestueux commencent leur existence sous forme de modestes plantules, comme celle-ci de hêtre (Fagus sylvatica).
Ibiti burafise intererano nini k'ukubaho n'buzima bw'imiryango y'abantu. Ubwoko bwinshi b'ibiti buratanga ivyamwa biribwa n'abantu.
Un tilleul, arbre commun d'Europe du Nord, planté en l'honneur de l'intronisation de Willem-Alexander des Pays-Bas.

Igiti (mu rurimi rw'ikiratini arbor ,[1],[2]) ni igiterwa giterwa canke cimeza kw'isi kigizwe n'umutumba kuriwo hakajako amashami ashamika ava k'umutumba w'igiti, ariyo ajako amababi ari kumpera z'igiti. Umutumba uba ufashwe n'imizi iba mu kuzimu iyo nayo niyo ituma igiti gitotahara kandi ikayirinda guhenurwa n'umuyaga.

Amababi nayo afasha igiti guhema kubera abahinga bavuga ko igiti kirekura ogusijene (oxgène) hama kikakira gaze karubonike ( gaz carbonique).

Ibiti ni ibiterwa bibaho kuva kera biba kw'isi ikiringo c'imyaka myinshi, gushika ku myaka y'ibinjana vyinshi, binashika mbere kubiti bimwe bimwe hari ibibaho imyaka iharurwa mubihumbi.

Hagereranwa ko kw'isi hariho ubwoko bw'ibiti buharurwa hagati y'ibihumbi mirongo itandatu n'ibihumbi ijana (60 000 na 100 000). Hafi y'ibice mirongo ine kw'ijana (40%) y'ubwo bwoko bw'ibiti bwoba bugeramiwe, bugenda buzimangana bukaba butakiboneka kw'isi.

Ibiti tubisanga cane cane aho bimera vyegeranye mu mashamba, ariko kandi ibiti turabisanga ahandi henshi aho bimera bitandukanye kure na kure[3].

  1. Alain Christol (2008). Des mots et des mythes. Publications des universités de Rouen et du Havre. p. 74.
  2. Wolfgang Viereck (2007). Atlas Linguarum Europae (in Icongereza). Istituto Poligrafico e Zecca dello Stato. p. 31.
  3. Peter A. Thomas (2014). [[[:Ingero:Google Livres]] Trees. Their Natural History] Check |url= value (help) (in Icongereza). Cambridge University Press. p. 1.