1. Intangamarara

Uburundi ni kimwe mubihugu biherereye muri Afurika y'ubuseruko cokimwe n'ibindi bihugu nk' Urwanda, Reta Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo (RDC) ; Uburundi buri mubihugu bifise climat tropical iyo climat ikaba igizwe n'igihe c'imvura hamwe n'igihe c'ubushuhe aho ivyo bitamara igihe kingana bivanye n'ahantu canke igihugu.

2. Ibihe Bihari muri Rusangi:

Mu Burundi hari ibihe 3

  1. Urushana: Nzero (1) - Rusama (5)
  2. Agatasi: Nyakanga (9) - Kigarama (12)
  3. N'ici: Ruheshi (6)- Myandagaro (8)

Murushana n'agatasi niho abantu barima kuko nico gihe imvura irwamwo ari nyinshi ikavomera imirima!!

3. Igihe c'ici:

Igihe c'ici igihe bizwi ko haba ubushuhe cane kurusha ibindi bihe kuko nico gihe imvura itagwa canke ishobora kugwa 1 Mu Kwezi. N'igihe gikunda gutangura muri Ruheshi(6) kigahera muri myandagaro (8) aho ubushuhe bushobora gushika hagati ya 17°C na 29°C.

igihe c'ici n'igihe Uburundi bugenderwa n'ingenzi nyinshi ziba zije mukaruhuko.

Murico gihe uburimyi bukorwa mu myonga kuko ariho bashobora kuvomera ibitegwa vyabo.

ICITONDERWA:

Ivyobihe bishobora kutamara igihe nkico bivanye n'inkurikizi y'ihindagurika ry'ibihe aho uruzuba rushobora kwaka cane mugihe c'urushana n'agatasi mugihe abarimyi baba biteze imvura.

ihindagurika ry'ibihe rica rigira ingaruka mbi kubuzima bw'abarundi muri rusangi


Référence:

https://partir.ouest-france.fr/meteo/burundi-idpaysmois-121-7.html