NIYONSABA ni umunonotsikazi w'umurundikazi yabigize umwuga yavukiye mu Ruyigi. Akaba amaze guserukira Uburundi mumarushanwa mpuzamakungu atari make. Yatanguye yirukira Ku kirere c'imetero amajana umunani (800m) inyuma yo guhagarikwa kubera inkabuzo nyinshi afise mumubiri(testostérone). Ubu akaba yiruka kukirere c'imetero ibihumbi biri (2000m),ibihumbi bitanu (5000) hamwe n'ibihumbi cumin (10000).