Amashule y'isumbuye
I Burundi abana batangura amashure yisumbuye bafise imyaka cumi n'ibiri canke cumi n'itatu kuduga iyo batahitiye (batadubuye, batasibiye). Mu bisanzwe amashure y'isumbuye agizwe n'ibice bibiri. Mu gice cambere abana bamara imyaka itatu kuntebe y'ishure. Ivyigwa bikuru bikuru bakurikira n'ibi:
- Indimi (ikirundi, igifaransa icongereza hamwe n' igiswahiri),
- Ibiharuro,
- Akahise,
- Indonda bihugu,
- Uburimyi,
- Kunonora imitsi,
- Ubuhinga, n'ibindi,
- n'ibindi.
Kugira babandanye igice c'akabiri, bategerezwa kumenya ikibazo co mu mwaka w'icenda.Abafise ubumenyi bujanye n'ibiharuro, barashobora guhitamwo kubandanya amashure y'isumbuye mu gisata c'ibiharuro n'ibindi vyirwa bijanye.
Abafise amanota meza mu ndimi n'ibindi vyirwa bijanye, nabo bashobora kubandanya amashure yisumbuye mu gisata c'indimi.
Muri ico gihe, ivyigwa abana biga biba bishimikiye ku ndimi canke ku biharuro.
Bitayeko, abana barashobora guhitamwo kwiga amashure y'imyuga.
Mu kurangiza amashure yisumbuye, abanyeshure bategerezwa gukora ikibazo ca leta gihambaye cane gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri kaminuza.