Amabendera ya Australiya

Amabendera ya Australiya

Australiya ifise amabendera atatu yemewe: Ibendera ry’igihugu cose, Ibendera ry'Abasangwabutaka, Ibendera ry'aba Torres Strait Islanders. Vyongeye intara yose ifise ibendera ryayo.

Ibendera ry’igihugu ca Australiya

hinyanyura inyandiko
 
Ibendera rya Australiya

Amabara y’ibendera ry’igihugu ca Australiya ni ubururu, iryera hamwe n’iry'agahama. Rifise ibice bikuru bikuru bitatu:

  • Ibendera ry’ubwongereza (Great Britain), rizwi kw’izina rya Union Jack, turisanga kuruhande rwo mumfuruka yo hejuru mu kubamfu. Ico kimenyetso giserukira kahise kw’ukwimuka kw’Abongereza.
  • Inyenyeri y’ikimenyetso ca Commonwealth iri munsi ya Union Jack. Iyi nyenyeri ifise amasonga 7. Isonga rimwe ryerekana za ntara 6, iyindi ikamenyesha vya bice vy’intara zigenga.
  • Ico bita “Southern Cross”, mu buryo, ni umugwi w’inyenyeri tubona mu bumanuko bw’ijuru.

== Intara n’ibice vyisunga intara

Amabendera "Date" "Use" "Description"
  1993 Australian Capital Territory Australian Capital Territory iri hagati ya Sydney na Melbourne. Ni intebe y’umurwa mukuru w’igihugu, Canberra. Canberra n’i w’inzego zikomeye z’igihugu nk’inzu y’inamanshingamateka (Parliament House), urwego rukuru rw’ubutungane ya Australiya (High Court).
  1876 New South Wales New South Wales niyo yabaye koloni ya mbere yashinzwe n’Abongereza. Sydney n’umurwa mukuru wa New South Wales kandi niwo muji wagutse kuruta iyindi. Ikiraro kiri muri Sydney bita Harbour Bridge n’inzu bita Opera House ni ibimenyetso vy’uwo muji.
  1978 Northern Territory Northern Territory ifise udushamba duto duto n’isi y’ubugaragwa bw’agahama mu bumanuko. Abantu benshi bo mur’iyo ntara baba mu murwa mukuru Darwin hamwe rero no kunkengera y’ibarabara rirerire cane riri hagati ya Darwin na Alice Springs akaba ariwo muji mukuru uri hagati ya Australiya.
  1953 Queensland Queensland ni intara igira kabiri mu bunini. Ifise amazinga bita “Torres Strait Islands“ mu majaruguru, amashamba atari manini akura kubera imvura iguye, ibice bitotahaye bukebuke ku nkengera y’ibahari, hagati naho harumagana kenshi na kenshi. Ico bita: Greater Barrier Reef kirazwi cane gifata inkengera yo mu buseruko. Umurwa mukuru wa Queensland ni Brisbane.
  1904 South Australia Australiya y'epho ifise isi y’amabuye y’ibitandara ahegereye inkengera y’ibahali, ikongera ikagira imirima y’imizabibu izwi cane. Umurwa mukuru Adelaide urafise inyubakwa nyinshi zo mu gihe c’ubukoloni.
  1875 Tasmania Tasimaniya ni intara ntoyi muri zose, ikaba ihana imbibe n’intara nkuru n’umuhora bita ”Bass Strait”. Igice gikuru c’iyo ntara kiraca ishamba. Umurwa mukuru ni Hobart.
  1953 Victoria Victoria ni intara ntoyi mu ntara nkuru zigize Australiya. Inyubakwa nyinshi nziza za Victoria zubatswe ziva ku butunzi bwava ku inzahabu mu myaka ya 1850. Umurwa mukuru wa Victoria ni Melbourne.
  1953 Western Australia Australiya y'uburengero niyo ntara yagutse cane. Mu buseruko bw’iyo ntara ni ubugaragwa, mugihe mu bumanuko bushira uburengero hateye imbere cane mu burimyi no mu ndimo z’imizabibu. Iyo ntara irimwo kandi ubutare bwinshi cane. Ibice bitatu kuri bine vy’abantu bo muri iyo ntara baba mu murwa mukuru ariwo Perth.

Ibendera ry’abasangwabutaka

hinyanyura inyandiko
Amabendera "Date" "Use" "Description"
1971 Ibendera ry’Abasangwabutaka Ibendera ry’Abasangwabutaka ririrabura, rikagira agahama n’umuhondo. Naryonyene rifise ibice bikuru bikuru 3 kandi ng’uku uko babisigura: Igice co hejuru kirirabura kikaba giserukira Abasangwabutaka bo muri Australiya. Inusu y’igice co hefu gisa n’agahama giserukira isi n’ubucuti isi ifitaniye n’Abasangwabutaka. Umuzingi w’umuhondo n’icibutso c’izuba.
Dosiye:Torres Strait Islanders Flag.svg 1992 Ibendera rya ba “Torres Strait Islanders” Ibendera rya ba Torres Strait Islanders rifise amabara y’urwatsi rutoto, y’ubururu, iryera n’iryirabura. Urwatsi rutoto rwibutsa isi. Ubururu bwibutsa ikiyaga. Ibara iryirabara ryibutsa aba Torres Strait Islanders. Urugori rwera rw’umutamvyi hagati n’ ikimenyetso ca ba Torres Strait Islanders iyo bava bakagera. Amasonga y’inyenyeri yera isigura imigwi y’amazinga ya ba Torres Strait. ibara ryera n’ ikimenyetso c'amahoro.