Agathon rwasa
Agathon Rwasa, yavutse nzero 1964 muri Province ya Ngozi, n'umunyapolitike w'umurundi.Mugihe c'intambara uburundi bwaciyemwo (1993-2005) yari arongoye umugwi Forces Nationales de libération. Inyuma yintambara uwo mugwi wahindutse umugambwe witwa uko nyene. Inyuma yo kuva muri FNL yaje gushinga uwundi mugambwe CNL( Congrès National pour la liberté) aho mu matora y'umukuru w'igihugu ya 20/5/2020 yaje ubwa kabiri inyuma ya Evariste Ndayishimiye.
hinyanyura inyandikoUbuzima Bwiwe
Agathon RWASA yavukiye i Ngozi, italiki 10 Nzero 1964 kubavyeyi bo mubwoko bw'abahutu. Rwasa yari umwana w'indwi (7) mu muryango w'abana cumi n'abane (14). Amashure yiwe y'intango nayisumbuye yayize mu ntara avukamwo ya Ngozi. Ku myaka 20, yatowe ngo arongore Association des jeunes intellectuels. Mugihe cugwimo yararondegwa nkumwe muncabwenge zo mubwoko bw'abahutu.
Ubuzima bwa Politique
Yamaze imyaka 20 kurugamba aho yagiye arazezwa amabanga atari make mumuhari warwana gushika aho abereye indongozi yawo.
Muri Ruhenshi 2010, Rwasa yarihishije aho yemezako ashobora gufungurwa. Yaciye ahunga ikiringo c'imyaka 3 niho yongeye kuboneka.
Muri 2013 ukwezi kwa Myandagaro, hasohotse umutahe mu Burundi kuri Rwasa na Pasteur Habimana, kubw'icanyi bwakorewe abantu barenga 160 bo mu bwoko bw'abatutsi mu nkambi y'impunzi yariri mu Gatumba mu 2004 muri Myandagaro.
Muri Mukakaro 2015, yabaye icegera c'uwurongoye Inama Nshingamateka mu Burundi.
Rwasa yaritoje mu Matora yo muri Rusama (5) 2020. Aho yashitse mu kibanza ca 2 anaronka amajwi 24,4 kw'ijana inyuma y'umukandida wa CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye, yaronse 68,7 kw'ijana. Rwasa n'umugambwe wiwe CNL bakaba bamenyeshejeko ayo matora yabayemwo akanenge mbere ko habaye ikubagurwa kubanwanyi batavuga rumwe n'ubutegetsi icogihe. Amatora akaba yabaye atabahagarikizi mpuzamakungu bahari.
Muri Ruhenshi 2023, Umugambwe CNL(Congrès Nationale pour la liberté) warahagaritswe mubikorwa vyawo hamwe n'ubushikirangaji biturutse kukutubahiriza amategeko mu makoraniro kaminuza yari yabaye. Muri Ndamukiza 2024abanwanyi ba CNL batari bashigikiye Agathon bakoranije Inama Kaminuza y'umugambwe baca batora Nestor Girukwishaka nk'umusubirizi wa Agathon Rwasa kumutwe wa CNL.