Evariste Ndayishimiye ni umukuru w'igihugu C'Uburundi akaba yatowe mu matora yabaye mu mwaka w'2020.

Évariste Ndayishimiye yavukiye mu ntara ya Gitega,muri komine Giheta mugi 1968.Mu 1995 igihe yari yiga muri kaminuza y'Uburundi, yararokotse igihe hariko haricwa abanyeshure babahutu aca aja kwifadikanya nabarwanya ubutegetsi bw'ico gihe aribo FDD,inyuma yigandagurwa rya perezida Melchior Ndadaye.Inyuma y'imyaka ishika 10 ari muri FDD, Évariste Ndayishimiye yari commandant uratwara uturere dutandukanye gutyo gutyo aza araduga mu gisirikare.Mu 2005,inyuma y'amasezerano y'i Arusha yoguhagarika intambara, Évariste Ndayishimiye, yagenywe kurongora ibiro bikuru vya gisirikare,acahabwa n'ipete rya generari.

Muri politike

hagati y'umwaka wa 2006 na 2007,yagenywe kuba Umushikiranganji wo hagati mu gihungu hamwe n'umutekano rusangi. Mu biro vy'umukuru w'igihugu naho Ndayishimiye yagenywe kuba umukuru w'ibiro bikuru vya gisikare,igisata yatwaye gushika mu 2014.

Atwara umugambwe uri k'ubutegetsi Muri Myandagaro 2016,yagenywe kuba umukuru w'umugambwe CNDD-FDD Aho yarasubiriye Pascal Nyabenda.Uretse ko kuri Nyabenda imigenderanire n'amakungu yari yatosekaye, Ndayishimiye yaje afise intumbero yo kuyinagura.Kuva mu 2005, Ndayishimiye n'umwe mubanyeporitike bakomeye mu Burundi.

Ari Umukuru w'igihugu

Mu nama rukokoma yabaye kuwa 26 Nzero mu 2020, abakuru mu mugambwe wa CNDD-FDD batoye ko Évariste Ndayishimiye ariwe azobaserukira mu matora, mukibanza c'umukuru w'igihugu yo 2020.Amatora yatahukanye arushije mukeba wiwe Agathon Rwasa, kumanota 68n'ibice 72 kw'ijana(%) mubiharuro vyatanzwe n'umurwi ujejwe gutunganya amatora (CENI).Yimitswe itariki ya 18 ruheshi mu 2020 ku kibuga Ingoma i Gitega, mu kiringo c'imyaka indwi nk'uko ibwirizwa shingiro ribivuga.