Indwara y’Igitigu ni indwara iterwa n’umugera kandi igasinzikaza igitigu. Ishobora gutuma ugutakaza akayabagu, ukuruha cane, ugucibwamwo, ukuyorwa, ububabare mu nyama no mu nda, n’indwara y’umuhondo, itera amaso n’urukoba bigasa n’umuhondo. Iyo itavuwe, ishobora gutuma igitigu cononekara, kanseri y’igitigu, canke urupfu. Hafi y’ibice 30 kw’ijana vy’abafise indwara y’igitigu nta bimenyetso vyayo bafise. Iyo ndwara igwiriye canecane mu bakuze gusumba abana.

Indwara y’Igitigu

Indwara y’Igitigu iboneka iyo amaraso y’umuntu ayirwaye yinjiye mu mubiri w’uwutayirwaye. Ivyo bishika mu kurangura amabanga y’abubatse n’uwuyirwaye badakoresheje agafuko, mu gusangira imiti n’inshinge, canke kuva ku muvyeyi ayirwaye ku mwana mu gihe c’ivuka.

HCV EM picture 2